Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amerika : Umuhinyanyuzi Suga Knight ashobora gupfungwa ubuzima bwiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Amerika : Umuhinyanyuzi Suga Knight ashobora gupfungwa ubuzima bwiwe (...)

Amerika : Umuhinyanyuzi Suga Knight ashobora gupfungwa ubuzima bwiwe bwose

jeudi 5 Ruhuhuma 2015

Igihangange c’umuhinyanyuzi Suge Knight ashobora gupfungwa ubuzima bwiwe kuko yagirizwa kwica bamwe mu baririmvyi bakorana hamwe no kugonga nkana abantu babiri.

Kuva kw’igenekerezo rya 30 Nzero, umuhinyanyuzi Suge Knight w’i Los Angeles arapfunzwe yagirizwa kuba yishe umuntu amugonze, uwundi agakomereka. Mu ntahe yo kw’igenekerezo rya 02 Ruhuhuma, umushingwamanza w’igisagara yagiriza Marion Suge Knight kwica, gushaka kwica hamwe no guhunga.

James Blatt aburanira Marion Suge Knight aremera ko Suge yariko anyonga imodoka uwo munsi yagonze abo bantu babiri, ariko Blatt yemeza ko Suge yabigize atabishaka kubera yariko ahunga abantu bane bariko bamwirukako kugira bamwice, abandanya avuga ko atigeza amenya ko yabagonze n’imodoka yiwe ya Pic-up.

Hamwe rero ico caha cofatwa nk’uko Jackie Lacey, umushikirizamanza amwagiriza kwica akanabitangaza, Suge yoca apfungwa ubuzima bwiwe bwose. Amakuru ava mu binyamakuru vyo muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika avuga ko Suge ashobora kurekurwa atanze "caution", ariko rero bavuga ko hamwe yorekurwa yohava ahunga. Ikindi cohava gituma ahunga, n’uko umunsi yitaba ubutungane yagirijwe abantu benshi yoba yarishe.

Mario Suga Knight asanzwe yagirizwa kuba yishe umuririmvyi Tupac Shakur yakoreye indirimbo, bivugwa ko yoba yamwishe kubera amahera agera ku miriyoni 100 z’amadorari Suga yari amufitiye. Inyuma yo kwica Tupac, Suga aragirizwa kandi urupfu rw’umuririmvyi Biggie Small. Ivyo rero bibonekera mw’isanamu yasohotse mu mwaka w’i 2002 yerekana uruhara rwa Suga mu rupfu rw’abo babiri.

Eka na Suga Knight yarahatse kwicwa mu myaka y’2005 na 2014 aho bamurasa bakamuhusha.

Raba isanamu yasohotse yerekana uko Tupac na Biggie Small boba barishwe na Marion Suga Knight


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.