Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isabukuru ya Mugabe yaranzwe n’utugenegene dutandukanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Isabukuru ya Mugabe yaranzwe n’utugenegene dutandukanye

Isabukuru ya Mugabe yaranzwe n’utugenegene dutandukanye

lundi 2 Ntwarante 2015

Ibirori vyo guhimbaza isabukuru y’imyaka 91 y’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe vyaranzwe n’utuntu dutandukanye, harimwo kugaburira abantu ibikoko vyo mw’ishamba hamwe n’utuganuke dutandukanye twahawe Mugabe.

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe yahimbaje isabukuru ry’imyaka 91 hamwe n’abantu bangana ibihumbi 20 bari baje kunezeranwa nawe kuri uwo munsi. Ivyo birori vyari vyiteguriwe bikomeye mbere hakoreshejwe n’amafaranga menshi.

Abantu bari muri ivyo birori bagaburiwe inyama z’ibikoko vyo mw’ishamba zitazndukanye kandi baje bambaye impuzu ziriko ifoto ya Mugabe. Si ivyo gusa, umukuru w’igihugu ca Uganda yarahawe utuganuke dutandukanye harimwo inka zingana 40. Mugabe n’umugore wiwe, Grace Mugabe, baciye bafata imipira 91 ingana n’imyaka ya Mugabe, bayiterera mu kirere.

Nk’uko mu sabukuru nka zose vyama bigenda, ntibibagiye umutsima, aho bateguye umutsima ukozwe mw’ishusho ry’Afrika hariko n’igihugu ca Zimbabwe.

Mwomenya ko n’ubwo bamwe mu banyagihugu bari mukanyamuneza kenshi bigina iyo sabukuru y’umukuru w’igihugu, abandi ntibashimye ivyabaye, aho bavuga ko amafaranga yakoreshejwe yashobora gukora ibindi bijanye no guteza imbere mu gihugu.

Raba amafoto y’ibirori vy’isabukuru vya Mugabe


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.