Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwarariye umwumbati ntashobora kurwa isari - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Uwarariye umwumbati ntashobora kurwa isari

Uwarariye umwumbati ntashobora kurwa isari

lundi 15 Mukakaro 2013

Igiterwa c’umwumbati, kiri mu biterwa mbumbarugo mu Burundi. Ni mbumbarugo kuko cunganira umuryango, na rirya mu mihana myinshi usanga ico giterwa citaweho rwose mu ntara zitandukanye, haba mu kugifungura ari umutumba, mu guhekenya eka ndetse n’umutsima w’ico giterwa.

Mu myaka iheze harabonetse ingorane zitandukanye mu miryango, aho ico giterwa cari cafashwe n’indwara bita ruhonyamyumbati mu ntara nka zose, aho ico giterwa cahonye, abarundi batari bake basubira kurondera ibikoti bushasha. Muri ico gihe, abanyagihugu baremeza ko inzara yaciye itera mu miryango, na rirya mu gihugu hagati ho, bamenyereye ko utariye umwumbati urya igitoke canke ikijumbu.

Muri iyi minsi rero umwumbati wasubiye kuboneka na cane cane ko ibikotikoti bishasha vyatanzwe ku banyagihugu batandukanye, vyamaze gutanga umwimbu. Ubu umwumbati haba mu gisagara ca Bujumbura uraboneka, ndetse mu gisagara ho hari n’abadandaza imyumbati mibisi, bagaheza bakayitembereza mu makaratiye nka yose kandi abayidandaza baremeza ko bashorerwa cane. Ariko kandi naho biri ukwo, abo bayidandaza barayizimbako, maze bakavuga ko abo bayirangurako babazimba.

Ikindi akndi, abo bayidandaza bavuga, n’uko abayihekenya ku munsi aribo benshi mu gisagara ca Bujumbura kuruta abayisuma baja kuyiteka, abibonekeza cane bakaba ari abagabo kuruta abagore mu bayihekenya cane. Umwumbati rero ni ngirakamaro cane mu mubiri w’umuntu kuko uri no mu murwi w’imfungurwa bita ntanganguvu, bisigura ubukomezi utanga mu mubiri. Uwawurariye avyuka amerewe neza, ndetse aririrwana utuguvu, agaheza agashikira imfungurwa z’umusase atararwa isari.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.