Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vyoba ari ibisanzwe kuvyuka mw’ijoro kuja kugira umwanda muto - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Vyoba ari ibisanzwe kuvyuka mw’ijoro kuja kugira umwanda muto

Vyoba ari ibisanzwe kuvyuka mw’ijoro kuja kugira umwanda muto

jeudi 17 Nzero 2013

Abantu benshi barashobora kuryama amasaha 6 canke 8 batavyutse mw’ijoro kugira baje kugira umwanda muto. N’ibisanzwe kuvyuka nka rimwe mw’ijoro ugiye kwihagarika. Wanyonye : ikawa, inzoga, canke icayi iminota mikeyi imbere yo kuja kuryama birashoboka kwumva ko mushaka kwihagarika.

Ariko iyo muguma muvyuka mushaka kwihagarika kenshi vyoba vyiza muciye muja kwa muganga,ashobora kuba ari ikimenyetso c’uko mwoba mufise akagorane gato mu mafyigo, canke mukaba mufise indwara y’igisukari.

Rimwe na rimwe wafunguye imboga(asperges)birashika ukumva umengo akamoto k’umwanda muto kameze nkako amagi aboze,canke ivyo nk’iyo mwafunguye imfungurwa nk’amafi, n’ibindi birungo bitandukanye mukumva umwanda muto ufise akandi kamoto. Ivyo rero ntibibatere ubwoba kuko ni ibisanzwe. Ariko iyo mubonye umzanda muto unuka ukuntu atanakimwe muri ivyo vyose mwafunguye vyoba vyiza muciye muja kwa muganga.

Ikindi naco, hari abantu bashobora kwihagarika umwanda muto usa n’uwutukura ,aho naho uba wafunguye imboga bita beterave(ni imboga zitukura), aho rero mwoca mwegera umuganga wanyu kuko uko gutukura kw’umwanda muto hari igihe mwoba mufise amaraso mugasaho k’umwanda muto.Umuganga azoca abamenyesha ibipimo mukwiye kugirisha.

Hari abandi bantu bakunda kwihangana ntibaje k’umwanda muto kandi bumva bahashaka. Ivyo ni bibi cane kuko urashobora kugira ico bita infection urinaire cane cane ku bagore bakunda kuvyirengagiza kuja ku mwanda muto kandi bahashaka.


Grace Irimbere

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.