Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zambiya: Indwara ya cholera yibonekeje - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Zambiya: Indwara ya cholera yibonekeje

Zambiya: Indwara ya cholera yibonekeje

samedi 19 Nzero 2013

Indwara ya cholera yibonekeje mu buraruko bw’igihugu ca Zambiya muri ino ndwi.Abantu 30 bakaba aribo bamaze kwandukirwa mu minsi itatu.

Muri ino ndwi indwara ya cholera yibonekeje mu buraruko bw’igihugu ca Zambiya mu karere ka Mwense ku birometero vyababa 700 uva ku murwa mukuru Lusaka.
Nkuko Lackson Ndhlovu umukuru w’akarere k’ubuvuzi yabibwiye radio publique zambienne ngo bamaze kwakira abantu 30 boba bafashwe n’iyo ndwara mu bitaro vya Mission Mambilima.

JPEG - 14.4 ko

Indwara ya cholera rero isanzwe ifatira mu nda bivuye kuko infungurwa canke amazi bitaba vyisyeye neza bivuye kuko biba vyatewe n’umugera witwa vibrio cholera ibi rero bikaba vyama vyibonekeza mu gihe c’imvura muri ico gihugu,abantu barenga mu majana akaba aribo bafatwa. Ariko rero igihugu ca Zanbiya kikaba gifise ivyankenerwa vyo gukingira igwirirana ry’ico kiza ibituma n’impfu zitaba nyinshi.

Mwomenya ko no muri Afrika y’uburengero ikiza ca cholera kikunda kwibonekezayo kuko nko mu mwaka wa 2012, mu bihugu vya Sierra Leone na Guinee abantu barenga 400 baritavye imana kubera ico kiza.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.