Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimwe mu mpanuro z’ukwirinda indwara zo mu menyo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Zimwe mu mpanuro z’ukwirinda indwara zo mu menyo

Zimwe mu mpanuro z’ukwirinda indwara zo mu menyo

mardi 13 Rusama 2014

Ububabare budasanzwe bwo mu menyo akenshi buza umuntu atavyiteze mbere bukanashobora no guhagarika nivyo umuntu yariko arakora vyose, gufungura neza, akaba ari kimwe mu vyotuma amenyo arindwa kurwaragurika.

Iyo umuntu yagize ingorane zo mu menyo, agira ububabare, no guhekenya imfungurwa bikamugora. Ntashobora no gushira mu kanwa n’ikintu na kimwe yaba igishushe canke igikanye. Ubwo bubabare kandi bugashobora no gutandukira mu misaya, mu matwi canke mbere no mu mutwe kuko butuma butuma haba utuvyimba mu kanwa.

Nk’uko bisigurwa n’abahinga mu bijanye n’indwara zo mu menyo, ku bijanye n’ibitera ubwo bubabare mu menyo, indwara bise “carie dentaire” akaba ariyo nkwezi ya mbere itera ubwo bubabare. Iyo ndwara nayo ikaba iterwa ahanini n’imigera ivuye kugudafata neza amenyo, nko mu gihe umuntu yafunguye ntiyugumure na cene cane igihe yafunguye imfungurwa ziriwmo amavuta menshi.

Ikindi naco, ukureka mukanwa hakuma, ukutagira amate, ukugira amanyo adatonze uko yategerezwa kumera, ukutagira Fluorure mu kanwa, navyo nyene bikaba biri mu bitera indwara zo mu menyo.

Indwara yo mu menyo “carie dentaire”, n’indwara iterwa n’imigera yo mu menyo , aho usanga yafatiye mu binyigishi bifashe amenyo y’amajigo hagaca hakurikira n’ugutoboka kwayo menyo. Uko iminsi igenda niko nukwo gutoboka kugenda gukwiragira mu ryinyo gushika gushikire umuzi waryo urifashe bita “puple”. Ububabare bwaryo umuntu abwumva cane igihe afunguye ibintu bishushe, bikanye canke birimwo isukari nyinshi.

Bimwe muvyokorwa kugira umuntu avure ububabare buba bwatewe n’amenyo, mu gihe iryinyo ritashikiriye umuzi urifashe, bararyoza hama bagaca barihoma. Iyo basanze naho ryaratobotse gushika rishikire umuzi, igikorwa nuko barirandura kugira ntirikwege izindi ndwara zivuye kukubora kwayo. Iyo ubububabare bubandanije, bahanura gufata ibinini bigabanya ububabare bwo mu mutwe (paracétamol, Doliprane, Tylénol, ibuprofène, n’ibindi)

Kugira umuntu yirinde naho indwara z’amenyo “carie dentaire”, abahinga mu bijanye no kuvura amenyo, bahanura ko umuntu yoza aragira isuku rikwiye mu kanwa haba mu gufungura neza na cane cane indya zitarimwo isukari canke amavuta menshi haba no mu kwiyugumura, n’imiburiburi umuntu akabikora nka kabiri ku munsi kandi bukebuke kugira ibinyigishi ntibikomereke. Ikindi naco, iyo umuntu yafunguye indya zirimwo amavuta canke isukari, ategerezwa kunywa amazi menshi kugira ibisigarira vy’ivyo yafunguye ntibigume mu menyo hagati.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.