Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zlatan arasigura amazina y’abantu barenga 50 yanditse ku mubiri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Zlatan arasigura amazina y’abantu barenga 50 yanditse ku mubiri (...)

Zlatan arasigura amazina y’abantu barenga 50 yanditse ku mubiri wiwe"Tatouages"

lundi 16 Ruhuhuma 2015

Umukinyi w’igihangange Zlatan Ibrahimovic yerekanye ko ashigikiye bimwe bikomeye umugambi wa PAM wokugarukira ku bantu bo kw’isi bageramiwe n’inzara. Uko gushigikira kuboneka ku mazina menshi y’abashonje yanditse ku mubiri wiwe.

Umusatirizi w’umurwi wa Paris Saint Germain(PSG) Zlatan Ibrahimovic ahejeje kwinjiza igitsindo aho bakina n’umurwi wa Caen mu rukino rwabaye kuri uwu w’Imana w’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma, uwo mukinyi yaciye akura impuzu yereka ibicapo vyinshi biri ku mubiri wiwe.Ibrahimovic yemeza ko atabigiriye ubusa kuko hari ubutumwa yashatse gutanga.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cagirishijwe na Zlatan na Marina Catena aserkira PAM mu bufaransa n’i Monaco mu ntmbero yo gusigura umugambi bise "805 millions de nom", Zlatan aratanga umuco ku nyandiko zuzuye umubiri wiwe.

Zlatan avuga ati:" N’uko mfise umubiri muto ariko iyaba vyashoboka, nokwiyanditseko amazina imiriyoni 805 y’abantu bageramiwe n’inzara hirya no hino kw’isi kugira uwumvise izina ryanje aryumvemwo izo miriyoni z’abantu bariko bicwa n’inzara".

Uwo musatirizi arongera ati:"Nta kintu kidaje ishinga atari inzara igisibije kw’isi, aya ma "tatouages" anyuzuye ku mubiri wanje si kugira mbe umuhingu mwiza, ahubwo ndazi ko angira mubi cane ariko ndabigira kugira nifadikanye nabo bantu mvuze".

Mwomenyako amazina agera kuri 50 yanditse ku mubiri wa Zlatan, kandi yemeza ko ari incuro ya mbere nemeje imbere y’abantu insiguro y’inyandiko ziri kuri jewe. Amwe mu mazina nka Carmen, Mariko, Antoine, Sawsan, Chheuy, Lida, Siatta ou Rahma aramwanditseko.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.