Accueil > Amakuru > Akahise > 10 Rusama
10 Rusama
lundi 9 Rusama 2016
Igenekerezo rya 10 Rusama.
Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki
1497 : Umukerarugendo agenda n’ubwato Amerigo Vespucci afata urugendo
rwiwe rwa mbere agana isi nshasha, ariyo yahavuye yitwa umugabane wa
Amerika. Ndetse niryo zina « Amerika » rikaba ryavuye mw’izina rya «
Amerigo » yatoye ubwambere ko hari uwundi mugabane. Amerigo Vespucci
akaba akomoka mu Butariyano.
1503 : Christophe Colomb, umukerarugendo akomoka muri Espagne ashika
kw’izinga ryitwa Caïmans.
1534 : Umukerarugendo w’umufaransa Jacques Cartier ashika ahitwa Terre-Neuve.
1655 : Ubwongereza bwihagira izinga rya Jamaïque ririkura ku ntwaro ya Espagne.
1774 : Louis XV, umwami w’Ubufaransa yitabimana.
1981: François Mitterand aratorwa kuba umukuru w’igihugu w’Ubufaransa.
Yabaye umukuru w’igihugu wa mbere wumu socialiste awaye ico gihugu.
1994 : Nelson Mandela atorwa ku majwi menshi ngo aba umukuru
w’igihugu. Amatora yitabwe na bose, abazungu n’abirabure bo muri
Afrika y’Epfo.
Abazwi caane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1788: Augustin Fresnel, umuhinga muri Physique w’umufaransa.
1838 : John Wilkes Booth, umukinyi w’ivyese w’umunyamerika.uno akaba
ariwe yishe umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika Abraham
Lincoln.
1864 : Léon Gaumont,umufaransa ari mu bambere batanguje ubuhinga bwo
gukora amareresi.
1955: Mark David Chapman, uwishe umuririmvyi w’umwongereza John Lennon.
1978: Lalla Salma, umutambukanyi wa Mouhamed VI umwami wo muri Maroke.
1980: Zaho, umuririmvyikazi akomokamuri Aleriya. Akaba aririmba mu
mudiho wa R’n’B.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1696: Jean de La Bruyère, umwanditsi w’umufaransa.
1774 : Louis VI, umwami w’Ubufaransa.
1787 : William Watson, umuhinga muri Physique w’umwongereza.
1794 : Elisabeth de France, mushiki w’umwami Louis XVI. Uwo mugore
akaba yaphiye anyonzwe mu kumuca umutwe.
1798 : George Vancouver, umukerarugendo w’umwongereza yatiriwe
igisagara co muri Canada.
1829: Thomas Young, umuhinga muri Physique akaba umuganga ndetse
n’umuhinga muri kahise ka Egiputa. Akaba akomoka mu Bwongereza.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ingwara yitwa Lupus
. Mu Bufaransa: hibikwa ikurwaho ry’ubuja.
. Guatemala, Mexique na Salvador: Umunsi mukuru wahariwe nyina wa muntu.
Luc Noel Ingabire