IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 14 Myandagaro

Itarike 14 Myandagaro

vendredi 14 Nyakanga 2018

Igenekerezo rya 14 Myandagaro.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1284: Ubugeni bwa Philippe IV de France na Jeanne I de Navarre.

JPEG - 111.5 ko
Philippe IV de France,Jeanne I de Navarre(uva ibubamfu uja iburyo)

1832: Igihugu ca Equateur kirikukira.
1947: Igihugu ca Pakistan kirikukira.
1971: Igihugu ca Bahreïn kirikukira.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1947: Danielle Steel, umugore w’umwanditsi azwi cane ku bitabo vyiwe bivuga urukundo. Izina ryiwe ryose akaba ari Danielle Fernande Dominique Schuelein-Steel. yavukiye i New York muri Leta Zunzubumwe z’Amerika. Uwo mugore ubu afise imyaka 65 y’amavuko amaze kw’andika ibitabo bigera kuri 80 vya kunzwe cane kandi vyagurishijwe cane kw’isi. Yandika mu rurimi rw’icongereza ariko ibitabo vyiwe bakaba bimaze guhindurwa no mu ndimi zigera kuri 28. Niwe mwanditsi w’umugore wa mbere kw’isi kugeza ubu, dufatiye ku biharuro vy’abantu basoma ibitabo vyiwe. Danielle Steel akaba ari nyina w’abana 8 (aho havuyemwo umwe y’itavyimana. Akaba yitwa Nick).

JPEG - 6.7 ko
Danielle Steel

1959: Magic Johnson, umukinyi wa basketball w’umunyamerika.
1966: David Hallyday, umuririmvyi w’umufaransa.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1988: Enzo Ferrari, umudereva w’imiduga akaba n’umuhinga muvyo gukora imiduga. Akaba akomoka mu Butariyano.

JPEG - 5.6 ko
Enzo Ferrari

2009: Ted Kennedy, umukinyi w’urukino rwa Hockey sur glace akomoka muri Canada.

Ibihimbazwa

. Maroc: Umunsi mukuru w’igihugu.
. Indonésie: Umunsi wahariwe aba scouts.
. Pakistan: Umunsi mukuru wo kwibuka ukwikukira kw’igihugu.
. Paraguay: Umunsi wahariwe ibendera y’ico gihugu.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.