Accueil > Amakuru > Akahise > 12 Myandagaro
12 Myandagaro
lundi 12 Myandagaro 2013
Igenekerezo rya 12 Myandagaro ni umunsi ugira 224 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 141 kugira umwaka w’2013 urangire.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1762: George wa 4, umwami w’Ubwongereza.
1866: Jacinto Benavente, umwanditsi akomoka mur Espagne yaronse agashimwe kitiriwe Nobel kko kwandika mu 1922.
1887 : Erwin Schrödinger, umuhinga muri Physique akomoka muri Autriche. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Physique mu 1933.
1931: William Goldman, mwanditsi w’umunyamerika.
1939: George Hamilton , umukinyi akaba n’umuhinyanyuzi w’amareresi w’umunyamerika.
1954: François Hollande, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa. Akaba agira uwa mu 24 mu rutonde rw’abakuru bico gihugu bamaze kuja muri ayo mabanga.

1990: Mario Balotelli, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka mu Butariyano.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
30 imbere y’umuzo wa J-C : Cléopâtre wa 7, umwamikazi wa Misiri.
1484: Sixte wa 4, umu papa.
1955: Thomas Mann, umwanitsi w’umudagi yaronse agashimwe kitiriwe Nobere mu kwandika mu 1929.
1961: Salah Ben Youssef, umunyapolitike akomoka muri Tunisie.
1964: Ian Fleming, umwanditsi w’umwongereza.
1985: Roger Duhamel, umwanditsi akaba n’umumenyeshamakuru akomoka i Québec.
2010: Guido de Marco, umukuru w’igihugu ca Malte.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu w’urwaruka. Umunsi washinzwe na ONU mu 2000.
. Thaïlande: Umunsi mukuru w’amavuko w’umwamikazi. Ukaba n’umunsi mukuru wa nyina wa muntu muri ico gihugu.
Luc Noel Ingabire