IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 14 Mukakaro

14 Mukakaro

vendredi 14 Mukakaro 2017

Igenekerezo rya 14 Mukakaro .

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1223: Louis w’8 aba umwami w’Ubufaransa.

1789: Hafatwa akarere ka Bastille, akarere k’i Paris.

1795: « La Marseillaise » ruba ururirimbo ruhayagiza igihugu c’Ubufaransa.

1933: Mu Budagi hatangazwako NSDAP wa Hitler Adolf ariwe mugambwe umwe rudende urekuwe gukora mu Budagi bwose.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1602: Jules Mazarin, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

1888: Jacques Lacretelle, umwanditsi w’umufaransa.

1913: Gerald Ford, uwabaye umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.

1919: Raphaël Onana, umwanditsi wo muri Cameroun.

1921: Sisto Durán-Ballén, umunyapolitike yabaye n’umukuru w’igihuguca Équateur.

1987: Malika Ménard, uwabaye umwigeme mwiza mu Bufaransa 2010 (Miss France 2010).

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1223: Philippe Auguste, umwami w’Ubufaransa.

1827: Augustin Fresnel, umuhinga muri Physique akomoka mu Bufaransa.

1881: Billy the Kid, umubisha w’umunyamerika.

1887: Alfred Krupp,umurwizatunga muvyo amahinguriro akomoka mu Budagi.

1998: Richard McDonald, uwatanguje uburiro bwa “McDonald’s”, aho bateka ibifungurwa vyihuta gusha.

Ibihimbazwa

. Mu Bufaransa: Umunsi mukuru w’igihugu. Aho hibukwa ifatwa rya Bastille. Kuri uyu munsi hakaba haba idefire y’abasirikare i Paris.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.