IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 14 Rusama

14 Rusama

mardi 14 Rusama 2013

Igenekerezo rya 14 Rusama ni umunsi ugira 134. Hasigaye iminsi 231
kugira umwaka urangire.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1572 : Hatorwa umu papa mushasha, Grégoire XIII.

1608 : Havuka urunani rw’amadini yaba protestanti.

1610 : Louis XIII aba umwami w’Ubufaransa inyuma yiyicwa ry’umwami Henri IV.

1643 : Louis XIV aba umwami w’Ubufaransa, asubiriye Louis XIII yiri yitavyimana.

1948 : Hamenyeshwa icese ukwikukira kwa Leta ya Israël.

1970 : Havuka igisoda bise Armée rouge mu Budagi.

2002 : Ahmad Tejan Kabbah atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Sierra Leone.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1553 : Marguerite de France, umwamikazi wa Navarre n’Ubufaransa.

1666 : Victor-Amédée II deSavoie, umwami wa Sicile na Sardaigne.

1836 : Wilhelm Steinitz, umunyamerika yabaye uwa mbere yatwaye
igikombe co mu rukino rwa Jeux d’échecs.

1924 : Marcel Robin, umufaransa w’umuhinga muvyo imibano.

1984 : Mark Zuckerberg, umunyamerika yikorera utwiwe. Ni nawe
yatenguje urubuga rwa Facebook.

Abanzwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

964 :Jean XI, umu papa.

1610 : Henri IV, umwami w’Ubufaransa.

1643 : Louis XIII, umwami w’Ubufaransa.

2001 : Mauro Bolognini, umuhinyanyuzi muvyerekeye amareresi w’umutariyano

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakunga wo kurwanya indwara y’ivuka ry’umurindi w’amaraso.

. Israël : Umunsi mukuru wo kwikukira.

. Liberia : Umunsi mukuru w’ukwiyunga kw’igihugu.

. Malawi : Yubire y’amavuko ya Hastings Banda, uwaharaniye ukwikukira
kwa Malawi.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.