Accueil > Amakuru > Akahise > 15 Rusama
15 Rusama
mardi 15 Rusama 2018
Igenekerezo rya 15 Rusama .
Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki
1768 : Louis XV, umwami w’Ubufaransa, agura intara ya Corse.
Yayiguriye Repubrika ya Gênes. Ubu Gênes akaba ari igisagara co mu
gihugu c’Ubutariyano.

1811: Ukwikukira kw’igihugu ca Paraguay.
1889: Iyugururwa icese ry’umunara witiriwe Eiffel. Uwo munara ukaba
uri mu gihugu c’Ubufaransa ku murwa mukuru w’ico gihugu i Paris. Ufise
imetero 334 uduga mu kirere ukaba ugizwe n’ivyuma bipima itoni 7300.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1859: Pierre Curie, umuhinga muri physique w’umufaransa. Mu mwaka
w’1903, kumwe n’umutambukanyi wiwe, yararonse agashimwe kitiriwe Nobel
ka Physique.
1959 : Beverly Jo Scott, umuririmvyi akaba n’umukinyi w’amareresi
w’umunyamerika.

1981 : Patrice Évra, umukinyi w’umufaransa akina umupira w’amaguru.
1982 : Jessica Sutta, umururimvyikazi w’umuyamerika ari mubagize
umurwi wa Pussycat dolls.
1987 : Andy Murry, umukinyi wa tennis ava mu gihugu ca Ecosse.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1945: Charles William, umwanditsi w’umwongereza.
1991: Amadou Hampâté Bâ, umwanditsi yamuka muri Mali. Ni n’umuhinga mu
vyerekeye kahise.
2011: Samuel Wanjiru, umunonotsi wo muri Kenya.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe imiryango. Uwo munsi ukaba watanguye
guhimbazwa mu mwaka w’1993 ushinzwe n’inama nkuru ya ONU.
. Colombie na Mexique: Umunsi wahariwe abigisha.
. Koreya y’Epfo : umunsi wahariwe abigisha.
. Kurdes : Umunsi wahariwe ikirimi c’igi kurde.
. Paraguay : Umunsi mukuru wo kwikukira. Murico gihigu nyene ni
n’umunsi wahariwe nyina wa muntu.
. Slovénie : Umunsi wahariwe igisirikare.
Luc Noel Ingabire