Accueil > Amakuru > Akahise > 16 Rusama
16 Rusama
mardi 16 Rusama 2017
Igenekerezo rya 16 Rusama.
Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki
1703 :Ivuka ry’igisagara ca Saint-Pétersbourg mu Burusiya ku ntwaro
y’uwitwa Pierre le Grand.
2000 : Ahmet Necdet Sezer atorwa n’abashingamateka ngo abe umukuru
w’igihugu ca Turkiya.

2009 : Ingwano irarangira muri Sri-Lanka. Iyo ngwano ikaba yatanguye
mu mwaka w’1972 gushika 2008. Yahuza igisirikare ca Sri-Lanka n’umurwi
urwana witwa « Tigres Tamoul ». Iyo ngwano ikaba yahitanye abantu
bagera ku 70 000 muriyo myaka.
1929 : Hatangura ibirori vya mbere vyogutanga ubushimwe bita « Oscars
» ahitwa Hollywood. Aho ni muri Leta Zunzubumwe z’Amerika. Ubwo
bushimwe bukaba buhabwa, ahanini, abakinyi bamareresi.
1953 : Hasohoka ubwa mbere ikinyamakuru gisohoka ku ndwi ku ndwi «
L’Express ». Ico nnaco kikaba caje mu ntumbero yo kwuzuza ikindi citwa
« Les Échos ». Aho akaba ari mu gihugu c’Ubufaransa.
1983 : Michael Jackson atamba ubwa mbere intambo yitwa “moonwalk” ,
aho yarakwije imyaka 25 y’amavuko. Ivyo bikaba vyabereye mu gisagara
ca Motown.
2007 : Haba ibirori vyo kwugurura icese isabukuru ya 60 y’amareresi y’i Cannes.
2012 : Haba ibirori vyo kwugurura icese isabukuru ya 65 y’amareresi y’i Cannes.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1949 : Nicole Rieu, umuririmvyi w’umufaransa.

1966 : Janet Jackson, umuririmvyikazi w’umunyamerika. Mushiki wa
Michael Jackson.
1982 : Billy Crawford, umuririmvyi.
1986 : Megan Fox, umukinyi w’amareresi.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1977 : Modibo Keïta, umukuru w’igihugu wa mbere yatwaye igihigu ca Mali.
1957 : Eliot Ness, umupolisi w’i Chicago yafashe uwitwa Al Capone. Aho
ni muri Leta Zunzubumwe z’Amerika.
Ibihimbazwa
Malaisie: Umunsi wahariwe abigisha.
Luc Noel Ingabire