17 Rusama

Yanditswe na Ingabire Luc-Noel
Kuya 17 Rusama 2018 saa 08:49
4560
0 0

Igenekerezo rya 17 Rusama.
Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki
352 : Haba itorwa rya papa Libère. 1642 : Ivuka ry’igisagara ca Montréal. Igisagara kimwe mu bisagara bikuru vyo mu gihugu ca Canada. 1792 : Hatanguzwa isoko ry’imitahe ry’i New York bita New York Stock Exchange( NYSE). 1814 : Hemezwa ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ca Norvège. 1997 : Laurent-Désiré Kabila yifatira ubutegetsi, araheza yiha ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Zaïre. Ndetse aca aragihindura n’izina acita Republika Iharanira (...)

Igenekerezo rya 17 Rusama.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

352 : Haba itorwa rya papa Libère.
1642 : Ivuka ry’igisagara ca Montréal. Igisagara kimwe mu bisagara
bikuru vyo mu gihugu ca Canada.
1792 : Hatanguzwa isoko ry’imitahe ry’i New York bita New York Stock
Exchange( NYSE).
1814 : Hemezwa ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ca Norvège.
1997 : Laurent-Désiré Kabila yifatira ubutegetsi, araheza yiha ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Zaïre. Ndetse aca aragihindura n’izina acita Republika Iharanira Demokarasi ya Congo.

Laurent Desire Kabila

2009: Dalia Grybauskaité atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Lituanie.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1897: Odd Hassel , umuhinga muri chimie akomoka muri Norvège. Niwe
yaronse agashimwe kitiriwe Nobel ka chimie mu mwaka w’1969.
1928: Idi Amin Dada, umusirikare yabaye n’umukuru w’igihugu ca Uganda
kuva 1971 gushika 1979.

Idi Amin Dada

1982: Tony Parker, umukinyi wo murukino rwa Basket. Akaba ari
umufaransa ariko akina mwi higanwa ryo muri Amerika NBA.

Tony Parker

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1919: Valentin Landry, umwigisha akaba n’umumenyeshamakuru. Ni nawe
yataguje ikinyamakuru L’Évangeline.
1996: Johnny “Guitar” Watson, umuririmvyi w’umunyamerika.

Ibihimbazwa
.Umunsi mpuzamakungu wahariwe itumatumanako amakuru n’amatororokanizo y’inkuru.
. Argentine: Umunsi mukuru wahariwe abakorera mu bwato.
. Norvège: Umunsi mukuru w’igihugu.
. RDC: Umunsi wahariwe ibohorwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha