IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 18 Rusama

18 Rusama

vendredi 18 Rusama 2018

Igenekerezo rya 18 Rusama.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

2012 : Ishirahamwe rya Facebook ryinjira kw’isoko ry’imitahe ry’i New York.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1868 : Nicole II wo mu Burusiya, umwami wanyuma w’Uburusiya.

1920: Jean Paul II, umu papa kuva 1978 gushika 2005.

1927: François Nourissier, umwanditsi w’umufaransa.

1933: Bernadette Chirac, umutambukanyi w’uwahoze ari umukuru w’igihugu
c’Ubufaransa Jacques Chirac.

1960 : Yannick Noah, umukinyi wa tennis akongera akaba umuririmvyi w’umufaransa.

1981 : Mahamadou Diarra, umukinyi w’umupira w’amaguru wo mu gihugu ca Mali.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

526 : Yohani I, umupapa.

1450 : Sejong le Grand, umwami wo muri Corée.

1799 : Pierre-Augustin Caron Beaumarchais, umwanditsi akaba
n’umushakashatsi w’umufaransa.

1839 : Caroline Bonaparte, mushiki wa Napoléon wa mbere umwami w’Ubufaransa.

1980: Ian Curtis, umuririmvyi w’umwongereza. Yaririmba mu murwi Joy Division.

1995: Elizabeth Montgomery, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

2002: Davey Boy Smith, umukinyi w’amareresi akaba n’umukinyi mu rukino
rwa kace akomoka muri Amerika.

2004: Elvis Jones, umucuraranzi w’umunyamerika.

2007: Pierre-Gilles de Gennes, umuhinga muvya Physique w’umufaransa
yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Physique mu mwaka w’1991.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe amaratiro

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe urucanco rwa Sida.

.Haïti: Umunsi wahariwe ibendera.

. Somariya: Umunsi wo kwikukira.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.