IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 19 Rusama

19 Rusama

vendredi 19 Rusama 2017

Ibikuru bikuru vyaranze iri tarike

1051: Ubugeni bw’umwami w’Ubufaransa Henri wa mbere hamwe na Ana w’i
Kiev, umukobwa wa Iaroslav le Sage w’i Kiev.
1322: Ubugeni bwa Charles IV le Bel, umwami w’Ubufaransa hamwe na
Bance de Bourgogne.
1974: Valéry Giscard d’Estaing atorwa kuba umukuru wa Repubrika y’Ubufaransa.
2001: Iyugururwa ubwa mbere rya Apple Store. Aho hari muri Leta
Zunzubumwe z’Amerika. Iryo yugururwa rikaba ryashobotse kubera
uwatanguje iryo honguriro rikora ibikoresho vya none nk’amamashini
y’ibinyabwonko, amaterefone n’ibindi. Uwonawe akaba ari uwitwa Steve
Jobbs.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1870: Albert Fish, umwicanyi katwa w’umunyamerika.
1890: Hô Chi Minh, umukuru w’igihugu ca Vietnam ari nawe yaharaniye
cane ukwikukira kwico gihugu.
1906: Jim MacDonald, umukinyi w’amareresi akomoka muri Écosse. Niwe
yavuga mu kibanza c’umuperesona azwi cane yitwa Mickey Mouse kuva mu
1946 gushika mu 1983.
1925: Malcom X, umunyapolitike w’umunyamerika. Umwe mubaharaniye
agateka kabirabure uri Leta Zunzubumwe z’Amerika.

Malcolm X

1928: Colin Chapman, umuhinga muvyo kwubaka imiduga akomoka mu
Bwongereza. Niwe yatanuje imidokari yo mu bwoko bwa Lotus.
1968: Kyle Eastwood, umucuraranzi w’umunyamerika.
1976: Kevin Garnette, umukinyi w’urukino rwa Basket akomoka muri
Amerika. Akaba yarabaye rurangiranwa muri rya higanwa rya NBA ryo muri
Leta Zunzubumwe z’Amerika.
1979: Andrea Pirlo, umukinyi w’umupira w’amaguru w’umutariyano.
1984: Inna Modia, umuririmvyikazi wo muri Mali.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1296: Selestino wa 5, umu papa.
1536: Anne Boleyn, umwamikazi w’Ubwongereza, umugore wa abiri w’umwami
Henri w’ 8.
1994: Jacqueline Kennedy-Onassis, umutambukanyi wa John Fitzgerald
Kennedy, yahavuye aba n’umugore wa Aristote Onassis.
2009: Velupillia Prabhakaran, uwarongoye abarwanyi bumuhari witwa Tigres Tamoul.

Ibihimbazwa

France: Umunsi mukuru wa Bretagne, aho bahimbaza umunsi w’umweranda Yves.
Grèce et Chypre: Hibukwa ihonyabwoko ry’abagiriki.
Viêt Nam: Iyubire y’amavuko rya Hô Chi Minh.


Ingabire Luc-Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.