23 Rusama

Yanditswe na Ingabire Luc Noel
Kuya 23 Rusama 2017 saa 09:46
Yasomwe : 711
0 0

Igenekerezo rya 23 Rusama

Ibikuru bikuru vyaranze iri tarike

1430: Aba burginyo bata mu mvuto umufaransa kazi Jeanne d’Arc.
1555: Amatora ya papa Pawuro wa 4.
1848: Ikurwaho ry’ubuja muri Martinique.
1926: Ishirwaho ubwa mbere ry’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ca Libani.
1949: Ivuka rya Repubrika ihurikiye hamwe y’Ubudagi.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1052: Firipo wa mbere, umwami w’Ubufaransa.
1908: John Bardeen, umuhinga muri Physique w’umunyamerika.

JPEG - 14.9 ko
John Bardeen

Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel ka physique mu mwaka w’1956 no mu 1972.
1917: Edward Norton Lorenz, umuhinga muri buhinga bwa none bwa inforamtique.

JPEG - 42.6 ko
Edward Norton Lorenz

1938: Edem Kodjo, umushikiranganji wa mbere wo muri Togo.
1949: Alan García, umukuru w’igihugu ca Peru.

JPEG - 102.8 ko
Alan Garcia

1984: Hugo Almeida, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Portugare.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1917: Ranavalona III, umwamikazi wa Madagaskare.
1937: John Davison Rockefeller, umurwizatunga w’umunyamerika. Ni nawe yatanze ikibanza cubatswemwo inyubakwa za ONU mu gisagara ca New York.

Ibihimbazwa
. Jamayika: Umunsi mukuru w’akazi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha