Igenekerezo 24 Ndamukiza .
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1558 : Itorwa rya Papa Sigisto Quint.
1611 : Ishure ry’i Roma ryemeza umu karidinari Robert Bellarmin ko
ivyo Galilé yavuze ko yihweje vyari vyo.
1800 : Ububiko bwambere bunini bw’ibitabo bwitwa « Library of Congress
» buratanguzwa n’umukuru w’iigihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika,
John Adams i Washington DC.
1877 : Ingwano hagati y’uburusiya n’igihugu ubu citwa Turukiya irauka.
1897 : Leta Zunzubumwe z’Amerika zitangura ingwano ku gihugu ca Espanye.
1913 : I Manhattan hinjirwa icese igorofa ndende ya mbere gushika mu
mwaka w’1930. Iyo gorofa yitwa Wolworth Building. Yarireha na metero
241 uduga mu kirere.
- woolworth building
1915: Ihonyabwoko ry’abanye armeniya riratangura. Ryakozwe n’abanye
turukiya. Ryahitanye abantu bari hagati y’ibihumbi amajana 8 n’umuriyoni n’igice hisunzwe ibiharuro vyingereranyo.
1926: Haba amasezerano yitiriwe Berlin hagati y’Ubudagi n’Uburusiya.
1953: Winston Churchill ahabwa iteka n’umwamikazi Elizabeti wa 2.
1955: Habaye isozerwa ry’inama y’I Bandung. Umurwi w’ibihugu bitagira
aho vyegamiye uravuka maze uranegura ubu koroni, ivangura rifatiye
k’uruhu n’ingwano “ikanye”(geurre froide).
1967: Vladmir Mickhaïlovitch Komarov aba uwambere apfiriye mu
kigendajuru Soyouz 1.
1968: Izinga rya Maurice ryinjira mu murwi w’ibihugu bigize ONU.
1970: ikigendajuru cambere c’abashinwa carungitswe mu kirere.
1990: ikigo c’abanyamerika Nasa kirungika ikigendajuru Discovery.
1990: Mubutu atanguza demokarasi mugihugu ca Zayire.
- Mobutu Sese Seko Kuku Ngbendu wa Zabanga
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkir
1937: Joe Henderson, umucuraranzi w’umwironge w’ikizungu w’umunyamerika. Yavuza mudiho wa Jazz.
- Joe Henderson
2004: José Giovanni, umwanditsi.
Ibihimbazwa
Aménie: iyibukwa ryabahitanywe n’ihonyabwoko ryabaye murico gihugu.
Gambie: Umunsi mukuru wa Repubrika yatanguye mu mwaka w’1970.
Népal: umunsi mukuru wa demokarasi.
Wakagabo we!wiyita jean ,soma kwiyi page urabona ifoto ya Rwagasore ivyaranze Rwagasore hama uterereze ubwenge nivyakurikiye.hama wihe isomo!Nuzusubire kuvuga nabi Piter Nkurunziza kuko ari mubagwanya umukazo wabazungu mu Burundi eka no muri EAC, agiye kujamumateka muminsi irimbere,afise ivyiyumviro nki vya gwagasore,none ntuzusubire,nimbuhaze himbuhishe!