26 Ruheshi

Yanditswe na Luc-Noel Ingabire
Kuya 26 Ruheshi 2017 saa 11:35
Yasomwe : 864
0 0

Igenekerezo rya 26 Ruhenshi.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri
684: Hatorwa Papa Benedigito wa 2. 1483: Richard aba umwami w’Ubwongereza. 1945: Hashirwaho icitwa Charte des Nations Unies. 1953: Uwitwa Béria yari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu Burusiya arakurwa muri ayo mabanga, aca arafatwa, munyuma aranyongwa kw’igenekerezo rya 23 Kigarama ry’uwo mwaka nyene. 1960: Igihugu ca Madagascar kironka intahe yo kw’ikukira.
1963: John F.Kennedy, umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe (...)

Igenekerezo rya 26 Ruhenshi.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

684: Hatorwa Papa Benedigito wa 2.
1483: Richard aba umwami w’Ubwongereza.
1945: Hashirwaho icitwa Charte des Nations Unies.
1953: Uwitwa Béria yari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu
Burusiya arakurwa muri ayo mabanga, aca arafatwa, munyuma aranyongwa
kw’igenekerezo rya 23 Kigarama ry’uwo mwaka nyene.
1960: Igihugu ca Madagascar kironka intahe yo kw’ikukira.

JPEG - 41.3 ko
John-Kennedy

1963: John F.Kennedy, umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika,
avuga ijambo riri mu majambo rurangiranwa yiwe. Aho yari i Berlin mu
gihugu c’Ubudagi. Yagize ati: “Ich bin ein Berliner” bisigura “ndi
umunya Berlin”.

1978: Haba igitero ku nyubakwa yitwa Château de Versailles. Aho ni mu gihugu c’Ubufaransa.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

1892: Pearl Buck, umugore w’umwanditsi akomoka muri Amerika. Yaronse
agashimwe bitiriye Nobel mu vyo kwandika mu 1938.
1824: William Thomson, muhinga muri Physique akomoka mu Bwongereza.
1908: Salvator Allende, uwabaye umukuru w’igihugu ca Chili kuva 1970
gushika 1973.
1913: Aimé Césaire, umunyapolitique w’umufaransa akaba n’umwanditsi w’ivyivugo.

JPEG - 29.6 ko
Aime- Cesaire

1966: Dany Boon, umukinyi w’ivyese vyo gutwenza w’umufaransa.
1968: Paolo Maldini, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka mu Butariyano.
1970: Paul Thomas Anderson, umunyamerika w’umwanditsi akaba umhinyanyuzi w’amareresi.
1972: Garou, umuririmvyi akomoka muri Canada.

JPEG - 27.3 ko
Garou

1980: Sinik, umuririmvyi w’umufaransa.
1981: Damien Sargue, umuririmvyi w’umufaransa.
1987: Samir Nasri, umukinyi w’umupira w’amaguru w’umufaransa.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

1830: George wa 4, umwami w’Ubwongereza.
1984: Michel Foucaut, umu philosophe w’umufaransa.
2003: Marc Vivien Foé, umukinyi w’umupira w’amaguru wo muri Cameroun
yapfiriye ku kibuga ariko arakina.

JPEG - 17.5 ko
Marc Vivien Foe


Ibihimmbazwa

. Umunsi wahariwe ugufata mu nda abasinzikarijwe ubuzima.
. Umunsi mpuzamakungu wo kurwanya irudandaza rw’ibiyayuramutwe n’amabi
abikomokako.
. Madagascar : Umunsi mukuru wo kwikukira.
. Roumaniya : Umunsi mukuru wahariwe ibendera ry’ico gihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha