28 Rusama

Yanditswe na Luc-Noel Ingabire
Kuya 28 Rusama 2017 saa 07:51
Yasomwe : 738
0 0

Igenekerezo rya 28 Rusama.
Ibikuru bikuru vyaranze iri genekerezo ni ibi bikwirikira:
1918: Haba ukwikukira kwa mbere kwa Armeniya.
1998: Igihugu ca Pakistani kiba ic’indwi mu bihugu rutura kw’isi bifise ubutare bwa nucléaire.
2008: Muri Népale, intwaro za cami zirasezererwa hatangura intwaro ishingiye ku ntwaro rusangi.
2002: Mu Bubirigi, hafutwa ingingo yo gufata nk’icaha gihanwa n’amategeko “ukudendura umuntu” aremvye.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri ni:
1908: Ian Fleming, (...)

Igenekerezo rya 28 Rusama.

Ibikuru bikuru vyaranze iri genekerezo ni ibi bikwirikira:

1918: Haba ukwikukira kwa mbere kwa Armeniya.

1998: Igihugu ca Pakistani kiba ic’indwi mu bihugu rutura kw’isi bifise
ubutare bwa nucléaire.

2008: Muri Népale, intwaro za cami zirasezererwa hatangura intwaro
ishingiye ku ntwaro rusangi.

2002: Mu Bubirigi, hafutwa ingingo yo gufata nk’icaha gihanwa
n’amategeko “ukudendura umuntu” aremvye.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri ni:

1908: Ian Fleming, umwanditsi w’umwongereza.

1910: T-Bone Walker, umucuraranzi w’igitari akongera akaba umwanditsi
w’umuziki aririmba umudiho wa bleus. Akaba yava muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

1912: Partick White, umwanditsi avuka muri Austrariya, akaba yaronse agashimwe
kitiriwe Nobel mu bwanditsi mu mwaka w’1973

JPEG - 39 ko
Patrick White

1936: Jerry West, umukinyi wa basket w’umunyamerika.

1978: Jimmy Casper, umunonotsi asiganwa ku makinga w’umufaransa.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

1357: Alphonse IV, umwami wa Portugare.

1805: Luigi Boccherini, umwandisi w’umuziki akomoka mu Butariyano.

1878: John Russell, umunyapolitike wo mu Bwongereza.

1971: Audie Murphy, umukinyi akaba n’umuhinyanyuzi w’amareresi w’umunyamerika.

1972: Edouard de Windsor, umwami w’Ubwongereza.

JPEG - 33.1 ko
Prince Edouard

2009: Marcel Béliveau, umuremeshakiyago akaba n’umuhinyanyuzi akina
n’amareresi ndetse n’ivyese akomoka muri Canada.
2010: Gary Coleman,umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe amagara meza ku bakenyezi.

. Armeniya ni Azerbayijani: Umundi mukuru wa repubrika.

. Krowasiya: Umunsi wahariwe igisirikare.

. Etiyopiya: Umunsi mukuru w’igihugu.

. Filipine: Umunsi wahariwe ibendera ry’ico gihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha