Accueil > Amakuru > Akahise > 30 Rusama
30 Rusama
mercredi 30 Rusama 2018
Igenekerezo rya 30 Rusama.
Ibikuru bikuru vyaranze iyi genekerezo
1431: Jeanne d’Arc aricwa aturiwe ahitwa i Rouen.

Jeanne d’Arc ni intwari (héros) yo mu gihugu c’Ubufaransa. Yavutse mu
mwaka w’1412 mu muryango w’abarimyi. Aho yarafise imyaka 13, niho
yatangura kumva amajwi ateye amakenga. Nk’uko we yivugira yibaza ko ari
aberanda bariko bamuhamagara kuja mw’ijuru. Ico yemera kandi yemeza
n’uko ayo majwi yamuhamagarira gukiza igihugu ciwe c’Ubufaransa. Muri
ico gihe, Ubufaransa n’Ubwongereza vyari mu ndwano bise iy’« Imyaka
ijana » yahuza ivyo bihugu.
Mu 1429, aho Jeanne d’Arc yarafise imyaka 17, niho yaja kujenama Charles, uwariko yitegurira kuba umwami w’Ubufaransa. Amubwira ko yomufasha gutsinda urwo rugamba kuko Ubufaransa bwariko busa n’ubutsindwa. Charles aremera kubera yibwira ati Imana nimba ivugira muri uwo mukobwa, irashobora kumufashiriza ingabo ziwe.
Jeanne d’Arc kumwe n’ingabo yari yahawe, baratsinda intambara yahitwa
Orléans, muga munyuma abongereza baramufata. Baraheza bamushira
ishengero Katorika ry’icogihe kugira bamucire urubanza. Baca
bamwagiriza « ubupfumu » bamucira urwo gupfa. Baca bamwica mu 1431.
Ariko mu 1456 indwano yaheze ishengero Katorika risanga yabaye
inzirakarengane. Mu 1920, Jeanne d’Arc araheza yemezwa n’ishengero
Katorika nk’umweranda.
- Jeanne d’arc
1967: HavukaRepubrika ya Biafra. Ubu Biafra akaba ari igice kigize
igihugu ca Nigeriya. Ni akarere karimwo ubutare bwinshi.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri
1574 : Charles w’9, umwami w’Ubufaransa.
1778 : Voltaire, umwanditsi w’umufaransa. Izina ryiwe ry’ukuri ni
Fransisko Mariya Arouet ariko benshi bamuzi kw’izina rya Voltaire.
- Voltaire
1960: Boris Pasternak, umwanditsi w’umurusiya.
1961 : Rafaheri Rehonidasi Trujillo Molina, umukuru w’igihugu ca Leta
ya Dominike.
Ibihimbazwa
Crowasiya : Umunsi mukuru witwa « Sabor ». aho bibuka inama yambere
y’inama nshingamateka ihurikiyemwo imigambwe myinshi yabaye 1990.
Espanye : Umunsi mukuru w’amazinga ya Canaries.
Nikararwa: Umunsi mukuru wa nyina wa muntu ( Fête des Mères)
Luc-Noel Ingabire