4 Myandagaro

Yanditswe na Luc Noel Ingabire
Kuya 4 août 2016 saa 06:43
Yasomwe : 3357
0 0

Igenekerezo rya 4 Myandagaro.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1060 : Mu Bufaransa, umwami Philippe wa 1 asubirira se wiwe Herni wa 1.
1782 : Mozart agira ubugeni na Constanze Weber.
1903 : Umu kardinare w’i Venus, Giuseppe Melchiorre Sarto atogwa kuba Papa. Aca afata izina rya Pie wa 10.
1984 : Haute Volta ihindura izina yitwa Burkina Faso. Ivyo bikaba vyahinduwe n’urwego mpanuzi rw’ihinduka rwri rurongowe na Thomas Sankara uwaciye yicwa inyuma y’imyaka 3 aharitswe ku (...)

Igenekerezo rya 4 Myandagaro.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1060 : Mu Bufaransa, umwami Philippe wa 1 asubirira se wiwe Herni wa 1.

1782 : Mozart agira ubugeni na Constanze Weber.

JPEG - 13.2 ko
Mozart

1903 : Umu kardinare w’i Venus, Giuseppe Melchiorre Sarto atogwa kuba Papa. Aca afata izina rya Pie wa 10.

1984 : Haute Volta ihindura izina yitwa Burkina Faso. Ivyo bikaba vyahinduwe n’urwego mpanuzi rw’ihinduka rwri rurongowe na Thomas Sankara uwaciye yicwa inyuma y’imyaka 3 aharitswe ku butegetsi n Blaise Compaoré.

2002 : Gonzalo Sanchez de Lozada atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Bolivie.

JPEG - 14.9 ko
Gonzalo Sanchez de Lozada

2006 : Mu Buganda, umurwi w’abarwanyi LRA utangazako uhagaritse imishamirano inyuma y’imaka 18 urwana igisoda c’igihugu c’Ubuganda.

2010 : Muri Kenya, 72,1% c’abantu bafise imyaka 18 no kuduga bitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. 69,83% bararyemeza.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1821 : James White, umwe mubatanguje ishengero rya Adventiste ry’umunsi w’indwi.

JPEG - 545.9 ko
James White

1895 : Knut Hamsun, umwanditsi akomoka muri Norvège yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1920.

1901 : Louis Armstrong, umuririmvyi akaba n’umucuraranzi w’umwironge w’ikizungu witwa Trompette. Uwo muririmvyi akaba ari umunyamerika yaririmba umudiho wa Jazz.

1961 : Barack Obama, umukuru w’igihugu agira 44 wa Leta Zunzubumwe z’Amerika agira.

JPEG - 59.7 ko
Barack Obama

1969 : Max Cavalera, umucuraranzi akomoka muri Brésil.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1060 : Henri wa 1, umwami w’Ubufaransa.

1990 : Ettore Maserati, umuhinga mugukora imiduga akomoka mu Butariyano.


Kumenyekanisha

1
Nizeyimana Izaîe 2-10-2015 à 17:04

Ishengero Rya Advantistea.Ryabayeho Kubwubuhanuz.Non Ubuhanuz,bwabayeho.Bushingiye Kurinde,hanomusi Yizuba ?

2
Nizeyimana Izaîe 2-10-2015 à 17:02

Ishengero Rya Advantistea.Ryabayeho Kubwubuhanuz.Non Ubuhanuz,bwabayeho.Bushingiye Kurinde,hanomusi Yizuba ?

3
Nsengiyumva Phénias 24-04-2015 à 21:24

None Uwoyatanguje isengero Ya Advantiste Aracariho ?!

Kumenyekanisha

Izindi Nkuru - Akahise

29 Rusama
29/05/17 - 04:14
28 Rusama
28/05/17 - 07:51
27 Rusama
27/05/17 - 09:01
26 Rusama
26/05/17 - 08:51
Itarike 24 Rusama
24/05/17 - 09:24
23 Rusama
23/05/17 - 09:46
Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha