IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 4 Ruheshi

4 Ruheshi

mardi 4 Ruheshi 2013

Igenekerezo rya 4 Ruheshi ni umunsi ugira 155 w’umwaka w’2013.
Hasigaye iminsi 210 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1831 : Léopord wa 1 atorwa kuba umwami w’Ububirigi.

1958 : Charles de Gaulle avugira ijambo i Alger ku murwa mukuru wa Algériya.
(ifoto ya Charles de Gaulle)

1970 : Izinga rya Tonga ririkukira.

2001: Gyanendra Bir Bikram Shah Der aba umwami wa Nepal.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1738: George wa 3, umwami w’Ubwongereza.

1915: Modibo Keïta, umukuru w’igihuguca mbere w’igihugu ca Mali.
Modibo yavuste igenekerezo rya 04 Ruhenshi 1915 i Bamako mu gihugu ca
Mali. Yitavyimana igenekerezo rya 16 Rusama 1977 mw’ibihero ryari
mw’ikambi yaba komando ryahitwa Djikoroni Para i Bamako. Bakaba
bamugaburiye imfungurwa zirimwo uburozi. Yatwaye ico gihugu kuva 1960
gusika 1968.

Modibo Keïte akaba yarashigikiye iciyumviro cuko Afrika yoba igihugu
kimwe. Iciyumviro yarasangiye na Mouammar Kadhafi wo muri Libiya,
Gamal Abdel Nasser wo muri Misiri, Kwame Nkrumah wo muri Ghana, Ahmed
Ben Bella wo muri Algeriya, Nehru wo mu Buhindi n’abandi.

1967: Marie Ndiaye, umwanditsi w’umufaransa.

1975: Angelina Jolie, umukinyi rurangiranwa w’amareresi w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1206: Adèle de Champagne, umwamikazi ww’Ubufaransa.

1937: Ekaterina Guorguievyna Gueladzé, nyina wa Joseph Staline
yatwaje umukazo igihugu c’Uburusiya.

2002: Fernando Belaúnde Terry, umukuru w’igihugu ca Perou kuva 1963
gushika 1968 no kuva 1980 gushika 1985.

2004: Nino Manfredi, umuhinyanyuzi w’amareresi akaba n’umukinyi
w’amareresi w’umutariyano.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe abana bahohowe.

. Finlande: Umunsi mukuru wahariwe ibendera ryico gihugu.

. Tonga : Umunsi mukuru w’igihugu.

. Hongriya : Umunsi mukuru w’ubumwe.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.