IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 5 Ruheshi

5 Ruheshi

lundi 5 Ruheshi 2017

Igenekerezo rya 5 Ruhenshi.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1827 : Inteko zi Ottoman ubu hitwa Turkiya zifata igisagara ca Athènes
mu ntambara y’indwano y’ukwikukira kw’Ubugiriki.
1947 : Hamenyeshwa umugambi wiswe Plan Marshall warufise intumbero yo
kuzamura ubutunzi bw’Uburaya inyuma y’inwano yisi yose yari yasambuye
uwo mugabane w’isi.
1967 : Intambara yisw iyo iminsi 6 iratangura hagati ya Izrayeri
n’ibihugu vyabarabu bibibanyi na Izrayeri.
1968 : Robert Kennedy umunya politike w’umunyamerika ahakwa
kugandagurwa. ariko yaciye apfa umunsi ukurikira.

robert kennedy

1981 : Ikigo c’abanyamerika kijejwe gukinga ingwara gishira ahabona ko
catoye indwara nshasha itari bwamenyekane. Iyo ndwara munyuma yahavuye
yitwa « SIDA ».
2002 : Hatanguzwa urubuga ngurukanabumenyi rwitwa MOZILLA.
2004 : Uwitwa Noël Mamère aba uwa mbere agize ubugeni n’uwo basangiye
igisina mu Bufaransa naho ico gihugu cabibuza ico gihe.
2006 : Inyuma yamatora yo kwemeza canke uguhakana iterana ry’igihuguca
Serbiya na Montenegro, « ego » ziba nyinshi maze ico gihugu gicika
ibihugu bibiri vyigenga.
2010 : Francesca Schiavone aba umutariyanokazi wa mbere atsindiye
ikibanza ca mbere mw’ihiganwa Roland-Garros rya Tenisi ryo mu
Bufaransa.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1928 : Tony Richardson, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umwongereza.
1942 : Teodoro Obiang Nguema Mbasogo, umukuru w’igihugu ca Guinée Equatoriale.

obiang nguema

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1316 : Louis w’10, umwami w’Ubufaransa.
1819 : Bodawpaya, umwami wa Birimaniya kuva 1782 gushika 1819.
2004 : Ronald Reagen, umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika agira 40.

JPEG - 7.5 ko
ronald reagen

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ibidukikije.
. Danemark : Umunsi mukuru w’igihugu.
. Guinée Équatoriale : Umunsi mukuru w’umukuru w’igihugu.
. Nouvelle-Zélande : Umunsi wahariwe igiti.
. Seychelle : Umunsi mukuru w’ubwigenge.
. Suriname : Umunsi mukuru aho hibukwa abahindi bambere bashitse muri
ico gihugu.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.