Accueil > Amakuru > Akahise > 5 Ruheshi
5 Ruheshi
lundi 5 Ruheshi 2017
Igenekerezo rya 5 Ruhenshi.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri
1827 : Inteko zi Ottoman ubu hitwa Turkiya zifata igisagara ca Athènes
mu ntambara y’indwano y’ukwikukira kw’Ubugiriki.
1947 : Hamenyeshwa umugambi wiswe Plan Marshall warufise intumbero yo
kuzamura ubutunzi bw’Uburaya inyuma y’inwano yisi yose yari yasambuye
uwo mugabane w’isi.
1967 : Intambara yisw iyo iminsi 6 iratangura hagati ya Izrayeri
n’ibihugu vyabarabu bibibanyi na Izrayeri.
1968 : Robert Kennedy umunya politike w’umunyamerika ahakwa
kugandagurwa. ariko yaciye apfa umunsi ukurikira.

1981 : Ikigo c’abanyamerika kijejwe gukinga ingwara gishira ahabona ko
catoye indwara nshasha itari bwamenyekane. Iyo ndwara munyuma yahavuye
yitwa « SIDA ».
2002 : Hatanguzwa urubuga ngurukanabumenyi rwitwa MOZILLA.
2004 : Uwitwa Noël Mamère aba uwa mbere agize ubugeni n’uwo basangiye
igisina mu Bufaransa naho ico gihugu cabibuza ico gihe.
2006 : Inyuma yamatora yo kwemeza canke uguhakana iterana ry’igihuguca
Serbiya na Montenegro, « ego » ziba nyinshi maze ico gihugu gicika
ibihugu bibiri vyigenga.
2010 : Francesca Schiavone aba umutariyanokazi wa mbere atsindiye
ikibanza ca mbere mw’ihiganwa Roland-Garros rya Tenisi ryo mu
Bufaransa.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1928 : Tony Richardson, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umwongereza.
1942 : Teodoro Obiang Nguema Mbasogo, umukuru w’igihugu ca Guinée Equatoriale.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1316 : Louis w’10, umwami w’Ubufaransa.
1819 : Bodawpaya, umwami wa Birimaniya kuva 1782 gushika 1819.
2004 : Ronald Reagen, umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika agira 40.
- ronald reagen
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ibidukikije.
. Danemark : Umunsi mukuru w’igihugu.
. Guinée Équatoriale : Umunsi mukuru w’umukuru w’igihugu.
. Nouvelle-Zélande : Umunsi wahariwe igiti.
. Seychelle : Umunsi mukuru w’ubwigenge.
. Suriname : Umunsi mukuru aho hibukwa abahindi bambere bashitse muri
ico gihugu.
Luc-Noel Ingabire