IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 6 Mukakaro

6 Mukakaro

vendredi 6 Mukakaro 2018

Igenekerezo rya 6 Mukakaro.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

969: Itanguzwa ry’igisagara ca Kayiro (Caire).

1189: Richard Cœur de Lion aba umwami w’Ubwongereza.

1253: Mindaugas aba umwami wa Lituanie.

1809: Umu papa Piyo w’7 arahagarikwa.

1964: Igihugu ca Malawi kironka intahe yo kw’ikukira.

(Ifoto y’idarapo rya Malawi)

1966: Malawi iba Repubrika.

1967: Hatangura intambara y’indwano ya Biafra.

1975: Igihugu c’Ubumwe ca Comores kironka intahe yo kwikukira.

2009: Jadranka Kosor aba umushikiranganji wa mbere wa Croatiya.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1859: Vemer von Heidenstam, umumwanditsi w’ivyivugo akomoka muri Swède, yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1916.

1903: Alex Hugo Theodor Theorell, umuhinga muri Biochimie akomoka muri Swède. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu vyo ubuvuzi mu 1955.

1921: Nancy Reagen, umukinyi w’amareresi akaba yanabaye umutambukanyi Donald Reagen, uwabaye umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.

1924: Wojciech Jaruzelski, umusirikare akaba yabaye n’umukuru w’igihugu ca Pologne.

1935: Tenzin Gyatso, dalaï-lama agira 14.

(ifoto ya Tenzin Gyatso, dalaï-lama agira 14)

1940: Nursultan Nazarbayev, umukuru w’igihugu ca Kazakhstan.

1946: George Walker Bush, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.

1946: Sylvestrer Stallone, umukinyi w’amareresi.

1974: José Roberto da Silva Junior, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Brésil.

1975: 50 Cent, umuririmvyi w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1189: Henri wa 2, umwami w’Ubwongereza.

1553: Édouard wa 6, umwami w’Ubwongereza.

1946: Jeanne Lavin, umuhinga mu guhinyanyura inyambaro w’umufaransa.

1971: Louis Amstrong, umucuraranzi w’umunyamerika

2004: Thomas Klestil, umukuru wa Repubrika ya Autriche kuva 1992.

2005: Patrick Gray, umuyobozi w’igipolisi ca FBI co muri Leta Zunzubumwe z’Amerika.

2005: Claude Simon, umwanditsi w’abafaransa. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1985.

Ibihimbazwa

. Chine : muri Tibet, yubure y’amavuko ya dalaï-lama agira 14.

. Comores : Umunsi mukuru wo kwibuka intahe yo kwikukira.

. Kazakhstan : Umunsi mukuru w’igisagara ca Astana.

. Malawi : Umunsi mukuru wo kwibuka intahe yo kwikukira, ukaba n’umunsi mukuru wa Repubrika.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.