IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 6 Rusama

6 Rusama

samedi 6 Rusama 2017

Igenekerezo rya 6 Rusama.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1682 : Umwami w’Ubufaransa Louis XIV, ishira ikirimba ciwe mu nyubakwa
za Château de Versailles.

JPEG - 14.2 ko

1941 : Joseph Staline aba umukuru w’igihugu c’Uburusiya bw’wubu. Yaje
asubirira Molotov.

1976 : Ikinyamugigima cihaye inkumbi ahitwa Frioul, aho ni mu
Butariyano. Caitanye abantu bagera 989.

2001 : Jean-Paul II aba umu papa wa mbere ahonyoje ikirenge mu musigiti.

2002 : Jean-Pierre Raffarin ashingwa kuba umushikirangani wa mbere w’Ubufaransa.

2007 : Unyuma y’igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu, Nicolas
Sarkozy atogwa kuba umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

2012 : Unyuma y’igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu,
François Holland atogwa kuba umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1501 : Marcel II (Marcello Cervini), umu papa agira 222 wa Ekreziya Gatorika.

JPEG - 49 ko

1574 : Innocent X (Giovanni Battsta Pamphilj), umu papa agira 234 wa
Ekreziya Gatorika.

1856 : Sigmund Freud, umuganga akaba n’umuhinga yazanye ivyo bita
Pychanalyse akomoka muri Autriche.

1868 : Umu Tsar Nicolas II wo mu Burusiya. Umu tsar akaba ari
icubahiro c’umwana w’umwami.

1953: Tony Blair, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.

1961: George Clooney, umukinyi w’amareresi rurangiranwa w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1910: Edouard VII, umwami w’Ubwongereza yapfiriye I Londres.

JPEG - 24.5 ko

1954: Bertie Charles Forbes, umumenyeshamakuru yatanguje ikiganiro
Forbes Magazine cerekana abantu batunze kurusha abandi biciye mu
mboneshakuri. Akaba akoamoka muri Ecosse.

2007: Curtis Harrington, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umunyamerika.

Ibihimbazwa

Liban, Syriya: Umunsi mukuru wo kwibuka abamaratiri biciwe I Damasa
n’I Beyrouth mumwaka w’1916.

Azerbaïdjan, Bulgarie ,Bosnie, Serbie, Montenegro: Umunsiwa umweranda Georges


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.