IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 7 Rusama

7 Rusama

lundi 7 Rusama 2018

Igenekerezo rya 7 Rusama.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1342 : Itorwa rya Papa Clément VI.

1697 : Ikirimba c’umwami c’i Stockholm kirabomorwa n’igisida
c’umucanwa. Mu nyuma kiraheza c’ubakwa murico kibanza nyene cahoramwo.

1995 : Jacques Chirac atorwa kuba umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 36.1 ko

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1841 : Gustave Le Bon, umuhinga mu mibereho n’inyifato akaba
n’umuganga w’umufaransa.

1861 : Rabîndranâth Tagore, umwanditsi w’umuhindi yaronse agashimwe
kitiriwe Nobel mu bwanditsi mu mwaka w’1913.

1901 : Gray Cooper, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

399, imbere y’ivuka rya Yezu Kristu: Socrate, umugiriki w’umuhinga
muri philosophie, ahabwa igihano cokunywa uburozi bwitwa Ciguë.

2012: Jules Bocandé, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Sénégal.

JPEG - 11.6 ko

Ibihimbazwa

.Umunsi mpuzamakungu wahariwe impuvyi za SIDA

. Russie: Umunsi wahariwe iradiyo. Bahimbaza iterambere ry’iradiyo
hamwe nukwibuka ibikorwa vy’uwitwa Alexandre Popov yakoze mu mwaka
w’1895.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.