Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakobwa bo mu mashure mato n’ayisumbuye babujijwe gukora imishatsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abakobwa bo mu mashure mato n’ayisumbuye babujijwe gukora imishatsi

Abakobwa bo mu mashure mato n’ayisumbuye babujijwe gukora imishatsi

jeudi 3 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi avuga ko imishatsi y’abakobwa bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye izotegerezwa kuba imeze co kimwe kuri bose, ntihagire uwisukisha canke ashiramwo ibindi vyose bihindura imishatsi.

Uwo mushikiranganji avuga kandi ko azohagurukira abakobwa bambara amajipo magufi, abasiga inzara, abambara amahereni hamwe n’abazana amaterefone kw’ishure.

"Terefone tuyiravye ntaco ibazanira, ibaha indero mbi. Rero uwuzozana Terefone nzoyifata, kuko nta kintu na kimwe idufasha mu rwaruka."

JPEG - 135.4 ko
Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi

Umushikiranganji NDIRAHISHA yabwiye amashure yigenga yahora yakira abakobwa bafise imishatsi isutse ko azokwugarwa mu gihe atokwemera gushira mu ngiro iryo tegeko ry’ubushikiranganji bw’indero.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Le vrai lideur ntaho vyari bwaboneke mugihugu c’uburundi ko hoba umurongozi abikwiye nkawe

  • Abanyeshur Bo Mu Ma Lycée Bo Na Telefone Ntizifasha? Tubabarire

  • mubereye kurerera uburundi koko mwari mwatevye kuyifata urwaruka rwinshi rwarataye amashure kubera ivyo n’abavyeyi bobafasha mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo kuneza y’indero y’abana babo.Imana ibandanye ibongeraubwenge nka salomo bwo kurerera uburundi n’amakungu.

  • Uyo Mushikiranganji Nahabwe Iteka Ararikwiye Karakamaramaza Mu Burundi Nabashingamateka Bisuzume Harimwo Abambara Nabi Nico Gituma Ataco Bigera Bavuga Kunyambaro Ziteyisoni Kuberiki Batokwambara Nku Mugore Wa Peter Nkurunziza Turamusavye Azaratanga Impanuro Kurabobagore Bari Murireta .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.