Accueil > Amakuru > Amashuri > Abakobwa bo mu mashure mato n’ayisumbuye babujijwe gukora imishatsi
Abakobwa bo mu mashure mato n’ayisumbuye babujijwe gukora imishatsi
jeudi 3 Myandagaro 2017, par
Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi avuga ko imishatsi y’abakobwa bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye izotegerezwa kuba imeze co kimwe kuri bose, ntihagire uwisukisha canke ashiramwo ibindi vyose bihindura imishatsi.
Uwo mushikiranganji avuga kandi ko azohagurukira abakobwa bambara amajipo magufi, abasiga inzara, abambara amahereni hamwe n’abazana amaterefone kw’ishure.
"Terefone tuyiravye ntaco ibazanira, ibaha indero mbi. Rero uwuzozana Terefone nzoyifata, kuko nta kintu na kimwe idufasha mu rwaruka."
- Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi
Umushikiranganji NDIRAHISHA yabwiye amashure yigenga yahora yakira abakobwa bafise imishatsi isutse ko azokwugarwa mu gihe atokwemera gushira mu ngiro iryo tegeko ry’ubushikiranganji bw’indero.
Egide NDUWIMANA
Messages
3 Myandagaro 2017, 16:20, par NASA
Le vrai lideur ntaho vyari bwaboneke mugihugu c’uburundi ko hoba umurongozi abikwiye nkawe
3 Myandagaro 2017, 20:00, par Nishimwe Fidèle
Abanyeshur Bo Mu Ma Lycée Bo Na Telefone Ntizifasha? Tubabarire
14 Myandagaro 2017, 14:13, par nephtalie
mubereye kurerera uburundi koko mwari mwatevye kuyifata urwaruka rwinshi rwarataye amashure kubera ivyo n’abavyeyi bobafasha mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo kuneza y’indero y’abana babo.Imana ibandanye ibongeraubwenge nka salomo bwo kurerera uburundi n’amakungu.
24 Myandagaro 2017, 05:49, par Venant N Gabriel
Uyo Mushikiranganji Nahabwe Iteka Ararikwiye Karakamaramaza Mu Burundi Nabashingamateka Bisuzume Harimwo Abambara Nabi Nico Gituma Ataco Bigera Bavuga Kunyambaro Ziteyisoni Kuberiki Batokwambara Nku Mugore Wa Peter Nkurunziza Turamusavye Azaratanga Impanuro Kurabobagore Bari Murireta .