Umusi wo kwiyandikisha ku banyeshure bazokwiga muri kaminuza y’Uburundi na ENS wamenyekanye

Yanditswe na IGIHE
Kuya 23 August 2018 saa 03:32
16335
0 0

Ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza hamwe n’ubushakashatsi bumenyeshako abanyeshure bakoze ikibazo ca Reta “Exetat” mu mwaka wa 2017 bipfuza kwiyandikisha mu mwaka w’ishure wa 2018 ushira umwaka wa 2019, bazotangura kwiyandikisha kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro uyu mwaka wa 2018 kuri kaminuza y’Uburundi hamwe no kw’ishure nderabigisha ENS mu bibanza bazomenyeshwa.

Mw’itangazo umuyobozi mukuru w’inyigisho za kaminuza yasohoye kw’igenekerezo rya 22 Myandagaro 2018,Anastasie GASOGO amenyeshako abazokwiyandikisha bategerezwa kwibangikanya urukaratasi rwemeza ko batoye ikibazo ca reta Exetat mu mwaka wa 2017 hamwe n’ikarata karangamuntu.

Anastasie GASOGO avuga ko abanyeshure batoye ico kibazo mu myaka iheze batashoboye kwiga mu gihe bari baronkejwe ibibanza muri kaminuza y’Uburundi no kuri ENS bategerezwa kwandikira ubuyobozi bukuru bw’inyigisho kugira bemererwe kwiyandikisha.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha