IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’indero bwamenyesheje amanota yafatiweko mu kuja mu gice (...)

Ubushikiranganji bw’indero bwamenyesheje amanota yafatiweko mu kuja mu gice ca kabiri c’ishure shingiro

Tuesday 28 August 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 28,umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA yamenyesheje ko amanota yafatiweko ku bazoja mu mashure atunganya ivyigwa vy’ubuhinga,abigisha hamwe no mumashure afise uburaro bategerezwa kuba bafise amanota 110 ku 200.

Uyo mushikiranganji yavuze ko mu ntumbero yo kugarukana akanovera mu gisata c’indero,amashure y’abigenga adashikana ibice 20 kw’ijana vy’abanyeshure bamenye ategerezwa kugarwa mu gihe mu mashure ya reta naho abayobozi bayo mashure aba atashikanye ivyo bice baca bakurwa murayo mabanga.

Umunyeshure yabaye uwa mbere murico kibazo gitanga uburengazira bwo kuja mu mashure y’igice ca kabiri c’ishure shingiro ku rwego rw’igihugu yavuye kw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda “Lycée du Saint Esprit” ryo mu gisagara ca Bujumbura.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • UYUMUVYEYI NINTORE NTAGUFYINA NAKOMERE KUKAZI ARASHOBOYE

  • Nashaka Mbaze Ivyo Kuja Mu Mashure Yakarorero Kubanyeshure Bo Mumwaka Wicenda Bizogenda Gute

  • Mbe Ko Adashaka Kugirico Avuze Kubana Bigihugu Bagizwe Aba Non Classés,ashaka Bazobe Abande Vyukuri?

  • Abarongoye igisata c indero barakwiye kuja hamwe bakiga neza ingene itangwa ry amanota ryosubirwamwo. Birababaje kubona ko umuntu aronka 35/100 ngo yatoye ikibazo. Bituma n abigisha bagira ingeso mbi yo gutanga amanota make cane ku banyeshule haba muyintango canke muyisumbuye. Biragora cane iyo umuntu yize i Burundi agiye mu mahanga kubandanya kuko henshi ufise munsi ya 70/100 ntibakunda kukureka ngo ubandanye. Ikindi nuko umwigisha abanyeshule biwe badafise amanota meza aba yigishije nabi abamutwara babwirizwa kumusaba insiguro

  • Turashima iyongingo y’ubushikiranganji bw’indero.ukugarukana’akanovera mu mashuri kari akayoberabahinga.

  • narabe atubwire aho amashure azotangurira apana le 10 zukukwicenda natumagira le 21

  • Iruhande y’izindi mvo nyishi, ubwishi bw’abanyeshure mu biclasse kiri mu mvo nyamukuru zituma abanyeshure batamenya. Niyo woba ufise compétences zirengako, ntushobora kwigisha abanyeshure barenga 100 mw’ishure y’isumbuye ngo bamenye na mwaburya abanyeshure batari bake batazi icarico kurondera (ubushakashatsi) no gusoma.

    Ministre ni arabe ico kintu. Ndangije nkenguruka ingingo afata kugira akanovera kagaruke mu mashure kuko vyari vyabaye nabi cane.

  • uwomuvyeyi niwemwizanagumekukazi usangakumashure amwamwe batacigankambere abigisha badashiramwo umuhatemukwigisha nonuburero kuwomuvyeyi avuzuko nkeja amashureyogarukamwo akanovera natweturabishigikiye

  • Murakoze kuri iyo nkuru muduhaye
    Ariko rero barakwiye kuraba igituma abana batamenya bihagije aho kwihutira kwugara amashure no gukura mumabanga abariongozi

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.