IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abandi banyeshure ba Kaminuza bandikiye umukuru w’igihugu NKURUNZIZA

Abandi banyeshure ba Kaminuza bandikiye umukuru w’igihugu NKURUNZIZA

mardi 4 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bo kw’ishure rya Kaminuza y’ivy’ubuvuzi (INSP : Institut National de Sante Publique) bandikiye nabo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamusaba ko yorindira gushira umukono kw’itegeko rihindura ingene bahora bahabwa agafashanyo (Bourse), iryo tegeko rikavuga ko bagiye kugahabwa nk’ingurane (Prêt-bourse).

Abo banyeshure bavuga ko mu gihe iyo ngingo itoba yahagaritswe kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2017, nabo bazoca bahagarika ivyigwa.

Mu rwandiko abo banyeshure barungikiye umukuru w’igihugu, bamumenyesheje ko iyo ngingo ifashwe mu mwanya atariwo, kuko itazokworohereza abanyeshure kandi ko n’abanyagihugu bugarijwe n’ubukene. Abo banyeshure basaba ko iryo tegeko ryoba rirahagaze. Mu gihe hogera kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2017 abo banyeshure batararonswa inyishu, bavuga ko nabo bazoca bahamvya bagenzi babo bo kuri Kaminuza y’Uburundi, mu guhagarika ivyigwa.

Ivyigwa vyaramaze guhagarara kuri Kaminuza y’Uburundi, kuva aho igiporisi gifatiye 12 mu banyeshure baserukira abandi, bajanwa gupfungirwa mw’igendereza, nk’uko vyemezwa n’igiporisi. Abo banyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi baheruka guhagarika ivyigwa basaba ko abo babaserukira borekurwa.

Abo banyeshure baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bamusaba ko yofuta ingingo iheruka gufatwa, itunganya gushasha ingene bazohora bahabwa agafashanyo, iryo tegeko rikavuga ko bagiye kugahabwa nk’ingurane (Prêt-bourse), ivyo biyamiriza.


IGIHE

Messages

  • Jews niga kaminuza muburayi.nigakungurane .nzosubiza ninaheza. Nabari ahandi Niko.Nina abarundi bakenye mwibaza ko hatunze leta.? Murikaminuza twategerezwa gutahura leta gusumba abandi Bantu basanzwe.

  • Nn ntiwumva kocakemutse?wewe wigamuburayi!

  • Abanyeshure babarundi ubwenge biga busubirinyuma cane kandibirababaje!! Twibazako ivyagusa biterubuntu buke kandi nibazako Leta atarumwana atamikwijambo,Frak ndemeranya nawe ivyuvuze nukuri.abantu bomuri university bagishaka kwigakubuntu nibabanze bige ingene Leta zitunganywa ningene zikora,bigeno kwihagaciro ahokwama bameze nkabana bato.Leta irajwishinga navyishi bihangane nyuma yimyaka 3 bazobabamenyereye kanditwibukeko harihonabatashobora kwiga kubera ubukene mumiryango bavamwo ,ahubwo Leta yitekurabocanecane mukubahwa iyongurane yokwiga amahigwe yabontapfubusa abanabose bangane atamwana nikinono.niharambe Leta yuburundi nabayirongoye nabarundi twese

  • Naj niga kaminuza i burayi.
    Ndaronka igice c, imfashanyo hamw n, ikindi gic c, inguran.
    Ntitwari dukwiy kiduteranya uburaya n, Uburundi kuko si bimw.
    Ni ukuraba uko abo bana nibaheza bazobaho.
    Bazosabwa gusubiza iyo nguran bamw ata n, akazi bafis abagafis nabo baronka akamaramaza k, umushahara.
    Bazoca babaho gut?
    Ayo mafaranga baronswa ni ama taxi abarundi dutanga si amafaranga leta igaba.

  • @Frak
    Wewe uzosubiza niwaheza!
    Abandi baraheza ntibaronke n’ico basamura. Ushaka baze basubize iki?
    Jewe nigeze kwumva ko n’abanyeshure basavye ingurane amabanki kwa Donald Trump bagiye kubura ayo bishura kukubera ubushomeri bwateye.
    Ayo ma banki yabaguranye ngo ahakwa kwugara.

  • Iconavuze nuko let’s ibaguranye ibishuza muronse akazi.nico nibaza.ariko niba uheza ugaca uja kugurisha itongo bizoba bitoronshe..mugabo mwandike mwogera mwiga kuko simisiyose ICO usavye kiza uko.nampa mama nugusaba.vyanse ubwege wopfuma ubupfuganwa ubufise.

  • leta irakenye uzorabe kirakintu cose igomba bene gihugu bayifashe ntamuti kubona ushikirize iciyumviro baca bafungwa erega ufise umwana ataciyumviro afise aba ari ikijuju abo banyeshure ntibatinya gupfa ntawuzobaho nk’IMANA nawewe uhohotera abandi uzosubirizwa mungiro

  • Gumako Kuko Natwe Tukiri Inyuma Nubukene Dufise Twugarijwe Ninzara’ Ivyo Nawobishigikira.

  • Ndindiriye gusoma commentaire ya mujeri (wakera,Turaje Mob).kuko ni imbwa number 1

  • ntagihugu nakimwe kwisi kigihemba abana bomuri niveriste.bashobora gutanga akarorero twunve icogihugu.jewe ndunva reta nikoranye abavyeyi babobana babasigurire icatumye reta ifata iyongongo.hama uwufise amatwi yunve ashishikare ivyigwa.

  • SHA Muracyafite ubutesi kbs!! Ubwose mubona reta ikomeje gukora gutyo igihugu cyanyu cyazatera imbere ryari???? Mushyire ubwenge kugihe mu Rwanda turabimenyereye ko tugurizwa tukazishyura turangije ariko kandi ntabwo bishyuza umuntu udafite akazi ,iyo wabonye akazi nibwo wishyura, muve muribyo murimo mufashe abayobozi guteza igihugu cyanyu Imbere ,, naho ibyo kwirirwa mumuhanda muramagana ibyemezo reta niba yafashe kandi iba ibakorera.

  • Hhhh ariko koko abarundi mwaratese !!!! Ngo mwiga muhembwa ? Abo babahemba baba bagira ngo babahendahende mutazareka Kwiga ??? Mwaratese niyo mpamvu mwazubaye ubwo ayo mafaranga leta yanyu yabuze ibyiyakoresha? Kandi mba numva abaturage birirwa bataka inzara none ngo murahemba abanyeshuri !!! Niyo mpamvu iyo bahaze bajya mu muhanda guterana amabuye

  • Hhhh ariko koko abarundi mwaratese !!!! Ngo mwiga muhembwa ? Abo babahemba baba bagira ngo babahendahende mutazareka Kwiga ??? Mwaratese niyo mpamvu mwazubaye ubwo ayo mafaranga leta yanyu yabuze ibyiyakoresha? Kandi mba numva abaturage birirwa bataka inzara none ngo murahemba abanyeshuri !!! Niyo mpamvu iyo bahaze bajya mu muhanda guterana amabuye

  • Kwiga n’inyungu a hanini zumunyeshuri sinumva rero ukuntu takiga anishyurwa !!! Ibyo byabaga muri Libya kwa Kadaf nawe inyungu yakuyemo nuko abo yishyuraga biga kaminuza nibo babaye aba mbere mu kumukura kubutegetsi .... Ba mubwira ko ntacyo yaramaze ,,,, I burundi naho nibuka ko abagiye mu myigaragambyo bwa mbere yo kumwamagana ari abanyeshuri Bo muri kaminuza ,,,, nubwo yabeshyeye u Rwanda kandi rurengana muri Tunisia abahiritse Leta yaho nabanyesuri bigaragambije abaturage nabo baboneraho ... Nyamara leta ya Tunisia yagenera abanyeshuri udufaranga .... Ni henshi abanyeshuri bagiye basuzugura leta Zabo kandi zibitaho ariko byose nasanze ari umurengwe baba bahaze leta zishyura abinyeshuri nizo zituma barindagira .ayo mafaranga ahubwo bajya bayaha ingabo zirinda igihugu kuko zitaryama

  • Kwiga n’inyungu a hanini zumunyeshuri sinumva rero ukuntu takiga anishyurwa !!! Ibyo byabaga muri Libya kwa Kadaf nawe inyungu yakuyemo nuko abo yishyuraga biga kaminuza nibo babaye aba mbere mu kumukura kubutegetsi .... Ba mubwira ko ntacyo yaramaze ,,,, I burundi naho nibuka ko abagiye mu myigaragambyo bwa mbere yo kumwamagana ari abanyeshuri Bo muri kaminuza ,,,, nubwo yabeshyeye u Rwanda kandi rurengana muri Tunisia abahiritse Leta yaho nabanyesuri bigaragambije abaturage nabo baboneraho ... Nyamara leta ya Tunisia yagenera abanyeshuri udufaranga .... Ni henshi abanyeshuri bagiye basuzugura leta Zabo kandi zibitaho ariko byose nasanze ari umurengwe baba bahaze leta zishyura abinyeshuri nizo zituma barindagira .ayo mafaranga ahubwo bajya bayaha ingabo zirinda igihugu kuko zitaryama

  • Nibatahe Kurima Nimbababuze Amafaranga Yokwishure

  • Abarundi ni abatesi. Twe murwanda ubu tumaze kumenyera. Amafaranga reta iduha muri kaminiza tuzajya tuyishyura. Nibaza ko ibiburundi iyo havutse akabazo gato bihita bijyamo politiki. Opposition
    Ikabi profita !!

  • Bamwe ngo biga i Burayi (Frank) : who cares man! You are crazy! Abo bakura ako gafashanyo iyo batakaronka baba bari inyuma ya rutagari! Bagasubizeho atakirinze gusabwa, abana banyarucari nabo bige nkabandi! Naje ndifatanije na Rumuri imurikira igihugu cacu! Aba poils ntimwofatwa ukwo ngo muvyemere, gira urunani muzotsinda! Abo nabo ngo biga i Burayi, we don’t care about it! You don’t even know which school we went to! You ought to keep those thoughts to yourself, it will help you a little bit. Thank you anyway

  • N’ukur na nyakwubahw yosubiz amas inyum akibuk ko naw yig yahabw ako gafashany kand ko gafis akamar kanin ku munyeshur wo kuri kaminuz rer bigor bahindur ahand ho abana nk’ukn babivuz ivyigw barabihagarik kand kazob ari agasuzugur ku gihugu cacu mu makungu umukuru w’igihugu narabe natwe twige nk’uko nawe yize kuk turashaka gushika nkaho ageze non tuzohashik tutiz kaminuza?

  • I thank the students who have joined with colleagues to wash the support these
    studests, because their seemly.

  • hahhhhhhh
    Abarundi gayemwe aho mwumva turarengwa tukarenza!! nimureke Kudomera #Frak avuga ukuri,,,, None koko Abanyeshure bigira kubuntu bakanahembwa ntibiri ngaha muburundi gusa? Ngaha hafi #Murwanda tubarusha gutera imbere, ntawiga ahembwa!!! Mubitubuza gutera imbere iyo mihimbiri yokuri Universidade irimwo kbs!!!! Reta kanura uce ubwenge, Ingurane ça va bazoriha barose akazi,,,,,, nukuntu mugushaka gusenyura inzogo aribo baja imbere

  • Vyarivyo Nkuko Bari Babisavye Nanje Numva Nobafata Munda

  • Wewe wiyita GATEKA ntabwenge ugira, wewe ibihugu umaze kujamwo bisazwe bifasha abanyeshure bokurikaminuza nibingahe wewe uzi?.Wewe ntavyuzi hariho ibihugu bisazwe bifasha abanyeshure nkabo, kugeza barangije amashure. Ivyo birazwineza, wewe ncagutahura yuko utigeze uhonyora kuntebe yishure, kuko nimvugo yawe irakuranga.

  • none ka yemwe naho uburundi bukenye ntiboca babikorerako? bobo ntibiga bafata? ko mbona akaz kagoy kuronka. ho nibatakaronka wumva hoho vyogenda gt? perezida nawe nyene nimba vyamunaniy gutwara n,ahe abagashoboye. uramubwira gukina umupira vyo arabishoboye.

  • nibatekereze bige ntabundi buhinga none mwibarabara niho bazokura kazoza??? burya muraza muraraba neza na mwebw kweli kuko ubu igihugu kirakenye bisaba kwimenya nkuko ubu igihugu citunze nimutekereze rero mwige ntakundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.