Accueil > Amakuru > Poritike > Abanyeporitike batatu bandikiye abategetsi batatu bakomeye ku kibazo (...)
Abanyeporitike batatu bandikiye abategetsi batatu bakomeye ku kibazo c’amatora y’ibwirizwa shingiro
lundi 16 avril 2018
Mu rwandiko rwateweko umukono na Nestor GIRUKWISHAKA, umunyamabanga ajejwe imigenderanire mu mugambwe FNL-Amizero kw’izina ry’umukuru w’Urunani Abigenga Amizero y’Abarundi Agathon RWASA, icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU Leonce NGENDAKUMANA, n’umukuru mfatakibanza w’umugambwe UPRONA ishami ritavuga rumwe n’ubutegetsi Evariste NGAYIMPENDA, bamenyesha ko hamwe integuro y’ibwirizwa nshingiro yokwemezwa, amasezerano y’amahoro no guhagarika intambara yoba azimanganijwe.
Abo banyeporitike bavuga ko ivyavuye muri ayo masezerano yateweko umukono kw’igenekerezo rya 18 Ntwarante 2005, mu bijanye no gutsimbataza amahoro n’umutekano, hamwe n’umubano mwiza hagati y’abarundi bizoba binigiwe mu menshi, hamwe integuro y’ibwirizwa nshingiro rishasha yokwemezwa.
Muri urwo rwandiko, abo batavuga rumwe na Reta bamenyesha ko kwemeza ibwirizwa nshingiro rishasha bizotuma abafise ibitigiri bito muri poritike batazosubira kugira ikibanza haba mu nzego z’umutekano canke zo kwivuna abansi.
FNL-Amizero, umugambwe FRODEBU hamwe n’umunyaporitike Evariste NGAYIMPENDA basigura ko iryo bwirizwa nshingiro rigiye kwemezwa canke guhakanwa hamwe ryemejwe ata cizere na kimwe co gusubira mu ntwaro rusangi ya Poritike.
Abo banyeporitike batavuga rumwe na Reta bamenyesha ko ata handi abarundi bizeye urukiza, atari mu gukorera hamwe kw’abo bandikiye bahagarariye ishirwako umukono ku masezerano ya Arusha.
Urwo rwandiko rwarungikiwe umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, umukuru w’igihugu ca Kenya,umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, umukuru w’igihugu ca Sudani y’Ubumanuko, umuhuza mu bibazo vy’abarundi akaba n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda.
MUGISHA Van Naris
Messages
16 avril 2018, 21:16, par jean de dieu
aho birabananiye kuko bishinga amajambo aho kwishinga ibikogwa namba atabanwanyi bafise nibatekereze ababafise tubatore ; none abo bandikiye nibo banwanyi bafise canke nibo batwara uburundi ?
16 avril 2018, 21:50, par NDAYISHIMIYE LADISLAS
Abo banyacubahiro ntibandikiw ngo batamikwe ingingo bofata.bazoraba ikibereye uburundi nabarundi.bakabikora nabi amahano yoguye kuburundi azogwe kubihugu vyabo gusa !
17 avril 2018, 11:51, par Havyarimana Leonard
Andika hano Nibareke kuguma baboroga ,naho bari baramenye amagaburanyama nibaze twege abarundi tubashire kumunzane uwadutwaye aducurika tumusezerere burundu.
17 avril 2018, 14:19, par NDYISENGA
Abo Bakozi Babazungu Politiqe Yabananiye Bitahire Kurima Barekere Ababishoboye
17 avril 2018, 20:03, par niyungek sositeni
ahaa !!! barashekej kwer abobanyacyubahir ntabw aribobatuyobo turabiyamy
18 avril 2018, 05:12, par Mama
Mutama Rwasa Agathon, aratunaniye ntakundi turamuvuye inyuma niyibandanirize aronderera inyungu abamukoresha batari abanamarimwe ekambere batari nabarundi.
Genda Agathon urambabaje uwakurose ntiyakaravye !!!
18 avril 2018, 15:17, par Pasco
Ndabona Ko Badusaziye Nabi Muri Politique.Ils Sont Vieux En Politique.They Are Old In Politic.Nibakukuruke.
18 avril 2018, 16:22, par Jovial
Ivyo ntamurundi w’umutima vyotesha umwanya. Izo mvugo turazimenyereye mubihe nk’ibi vy’amatora. Mwibuke neza aba bagabo ko 2015 babwiye abarundi n’amakungu ko batarota bitaba amatora ariko bakaba abambere kwandikisha imigambwe yabo muri CENI. Twararindiriye ko bakurayo dossiers zabo turabura, vyumvikana ko amatora bayitavye bavuga ko batarota bayitaba : Une chose et son contraire. Uyu musi ntamisi irahera bavuye kwandikisha imigambwe yabo kugira bazitabe amatora y’ibwirizwa shingiro...none ngo yamara yamara ayo matora ntakabe !!! TUVUGANE UKURI : utamba utambikije ukaruhira gutabuka. UPRONA umushingantahe NGAYIMPENDA yarimwo 2005 igihe Ibwirizwa Shingiro ry’uyu musi ryatorwa yigisha ko abanyagihugu borihakana bati OYA, aho ni mugihe Léonce na FRODEBU yiwe yari irongoye intwaro mfatakibanza bigisha bati TORA EGO. Ko Léonce yiyamiriza ihinduka ry’igikorwa cakozwe n’intwaro y’umugambwe wiwe ntibitangaje ariko ko babihurizako na Ngayimpenda yari yiyamirije ico gikorwa navyo biratangaje. Abanyepolitique b’abarundi bamwe bamwe boreka kudusamaza n’izo nkinamico zabo
18 avril 2018, 21:53, par Habonimana Jean De Dieu
Ico Nobwira Abobaatama Ko Bemera Ko Bafis Abafana Nibabigish Bazotor Oya : Mugobo Iconzi Ntamuntu Akuz Kandi Yiyubaha Yovamuhira Ajanyw Nukuvugango Oya !!?Ndans Ibera Umusazi
5 mai 2018, 08:33, par nyangembe200@gmail.com
gutora oya canke ego n’uburenganzira bw’umuntu uwo ariwe wese. oya irafise igituma na ego nikwo kw’uko. rero nta guhata umuntu ngo gira iki canke kiriya.
25 mai 2018, 13:38, par Niyibogora Japhet
Abanyepolitike Barakwiye Kwikubita Agashi Bagafata Ingingo Hakiri Kare Kuko Iyo Babona Ko Iryobwirizwa Nshingiro Rikwiye Kuguma Uko Riri Ntibari Kwirigwa Baritaba Amatora ! Bamaze Kuyitaba Bisigura Ko Ibivamwo Vyose Bategerezwa Kuvyemera Kuko Haburana Babiri....! Agato Gwasa Arakwiye Kwirinda Abamuhenda ! Kuko Abandanije Azohava Asanga Atamunywanyi Numwe Asigaranye ! Niyemere Aho Intahe Yashize !
22 septembre 2018, 14:14, par Nigama Desire
ubu gwasa agato umugabwe yawisegut ?