IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD urashima ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu

Umugambwe CNDD-FDD urashima ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu

vendredi 15 juin 2018

Mw’itangazo umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD , Evariste NDAYISHIMIYE, yashikirije kur’uyu wa kane igenekerezo rya 14 Ruheshi 2018, avuga ko ingingo umukuru w’igihugu yashikirije ko atazokwitoza mu mwaka wa 2020, ari ingingo nziza iza gusambura imigambi y’abansi b’intwaro rusangi, kandi ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasimbishije akaga, kugirango ntihagire uwugira icitwazo iki canke kiriya ngo asubize Uburundi mw’ihumbi.

Muri iryo tangazo, umugambwe umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD arashima cane bimwe bivuye ku mutima intambwe uburundi bugezeko mugukomeza intwaro rusangi, ubu bukaba bwareretse amahanga ico bushoboye kuko n’ibwirizwa Nshingiro rigenga Uburundi rishira igihugu ku yindi ntambwe yo gukomeza Intwaro rusangi n’intahe yo kwikukira.

Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko, umugambwe CNDD-FDD nkuko wamye uharanira gusubiza hamwe n’ukunywanisha abarundi, wiyemeje kubandanya ugendera ivyiza vyavyawe n’amasezerano y’I Arusha nkuko wabikoze kuva ushikiriye uburongozi bw’igihugu,wiyemeje kandi kuzokwama na ntaryo ugwanya amacakubiri aho aturuka hose, ugwanya intwaro zamuka ahandi atari mu matora, ihonyabwoko n’ikumirana.

JPEG - 48.5 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Umugambwe CNDD-FDD utera akamo abanyepolitike bose, iyo bari hose kuza kwifatanya n’abandi mu gutunganya urupapuro rw’inzira ruzoshikana ku matora yo mu 2020, ugasaba kandi umuhuza w’abarundi ko yofasha kugirango ivyavuye mu biganiro vy’abanyepolitike biheruka kubera I Arusha bishirweko umukono vuba kugirango ntihagire igisubira gusamaza abarundi mu gihe bariko bashira mu ngiro ibwirizwa nshingiro bitoreye.


IGIHE

Messages

  • Komera general,muratanguye kubona icomwagwaniye !murazocemanga muri 2020 niyo Nkurunziza yihindukiza mwijambo !ra ra ra rambaa !

  • Iyo nsiguro siyo. Ngo mwasimbishije akaga kandi karabaye ? Ko atajambo ry’ihumure mwigeze mushikiriza kuva 2015 atari uguta impfane ku bazungu, ibihugu bibanyi n’abandi kandi muzi neza ko ari mwebwe mwakwegeye igihugu muri aka kaga turimwo. Babahamagaye kangahe ngo muje mu biganiro mukagagaza ? "Imbwa yanse kurya ama----ntoke ngo i muhira bacumvye"

  • EMWE UBURUNDI BUFISABAGABO BESHI NTIHAZOBURA UWUTWARA NAHO YOBA WEW EVARIST TWOSHIMA HAMA GUTWARA NUBWENGE BWOGUTORERA IBIBAZO VYIGIHUGU NABENECO

  • Andika hano Ntawuto Mushimira Petero Nkurunziza Sebarundi Uwomwanya Atanze Kubokwongera Ivyiza Kuvyo Yakoze Nubu Ese Imana Yoduha Uwumeze Nka Petero Nkurunziza. Mbegako Kuva Mvutse Abaperezida Batwayeneza Uwambere Kuva Mvutse (1 ) Petero Nkurunziza Sebarundi ( 2 ) Bagaza Ntibakoresheje Amacakubiri Abandi Bagiye Babonekegwako Inzira Zabo Arinziza Arimbi Vyaramenyekanye.

  • ntawukorako na genaral evariste azokinyonga, ntarib.

  • Naje Ndashimakwijambo Perezida Yavuzeneza Nimwiza Cane

  • abarundi musengi iyo mwi jury muve muntambara

  • Ntibitangaje abantunkamwe mwamyweho mudashima ivyiza nyenicubahiro nkurunziza adukora nicogituma musigura ko iyishu ndayishimiye yatanze atariyo ugabo jewe bandanya kubwira abameze nkamwe guhinka kuko hageze ko duteza ibere igihugu imbere gusa nicogituma kugiteza imbere niwewe nijewe eka nurundi wese abona amahoroturimwo

  • Amahor Niyo Aranga Umutware Mwiz Nka Pierre Nkurunzinza Ivyiza Aguma Akorer Igihug Nivyiz Kand Ng Umutwar Nuwutwarir Bose

  • ntawutoshima ivyoreta twitoreye ikora uhereye kuri sebarundi

  • hariho abantu ataco bashima, imisi yose arugutuka indongozi zitorewe n’abanyagihugu, ariko nagomba ndabakebure burya iyo uba mu gihugu canke uri hanze yaco utegerezwa kumenya ko ariho wataye uruzogi kandi ariyo mpetso yawe, ntukivuge nabi kuko iyo kitabaho nawe ntuba uhari, igihugu c’uburundi twagihawe n’Imana, indongozi twazihawe n’Imana, ninayo mpamvu duhamagariwe riho gusengera igihugu cacu c’Uburundi n’indongozi zikirongoye, Imana irazi Uburundi Irazi ababurongoye kandi ntizigera yemera ko abarundi batotezwa canke ngo yemera abaza gutoba amahoro n’umutekano bisasagaye m’ubundi muri gihe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.