Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri yakuwe mu mabanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri yakuwe mu mabanga

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri yakuwe mu mabanga

mercredi 6 juin 2018

Mw’ikete umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE, Kefa NIBIZI, yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko, mu gihe kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2018 hari hategekanijwe inama idasanzwe yiga uko imyiyamamazo yagenze, abari muri komite nkuru y’umugambwe ku rwego rw’igihugu 35 kuri 44 bayigize banditse basaba ko hakorana inama idasanzwe yiga ku kibazo ca David NIYONCUNGU.

Muri iryo kete, Kefa NIBIZI, arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE, amenyesha ko mw’ikete abo 35 banditse, bagiriza David NIYONCUNGU umunyabanga mukuru w’umugambwe kuba atarangura neza amabanga ajejwe, no kuba afise imyifato ishobora gutuma ibikorwa vy’umugambwe bisubira inyuma.

Kefa NIBIZI amenyesha ko abagize komite nkuru y’umugambwe bamaze guhanahana ivyiyumviro, bashize ahabona ivyemeza ko David NIYONCUNGU adashoboye kurangura neza amabanga y’umunyamabanga mukuru w’umugambwe, hamwe n’imyifato yiwe ituma umugambwe usubira inyuma aho gutera imbere.

JPEG - 41.7 ko
David NIYONCUNGU, yakuwe mu bunyamabanga bukuru bw’umugambwe FRODEBU Nyakuri

Umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE, avuga ko bamaze gushira hamwe iviyiyumviro bagatanga umwanya kandi kuri David NIYONCUNGU wo kwisigura, bafashe ingingo yo guhagarika David NIYONCUNGU mu bunyamabanga bukuru bw’umugambwe, gushika habaye ihuriro ry’umugambwe rizovuga kuri kazoza kiwe.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.