Incamake

Umurwi CENI watanze icegaranyo c’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro imbere y’inama nshingamateka

Yanditswe na IGIHE
Kuya 26 juin 2018 saa 03:50
11325
0 0

Umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI washikirije icegaranyo c’ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Ruheshi 2018. Ico cegeranyo cashikirijwe n’umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver NDAYICARIYE ari kumwe n’abandi bagize umurwi.

Ibirori vyo gushikiriza ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, vyabereye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura.

Abandi bari bitavye ivyo birori ni icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, abakozi bakurubakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, abakozi b’inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi, hamwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo.

Kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018, niho umurwi CENI washira ahabona ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora, mu nyuma sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro iravyemeza.

Umukuru w’igihugu yahavuye arishirako umukono kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, mu ntara ya Gitega, kur ‘uwo munsi, umukuru w’igihugu aca ashikiriza n’ijambo rijanye n’ibwirizwa nshingiro rishasha.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha