IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bandikiye umukuru w’igihugu Petero (...)

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bandikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

vendredi 24 Ntwarante 2017

Abaserukira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bo mu mu bigo vyose bandikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bagabisha ko bashobora guhagarika ivyigwa, mu gihe ikibazo bafise kitoba catorewe inyishu gushika kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2017.

Abo barungikiye ikete umukuru w’igihugu c’Uburundi ni abanyeshure 170 baserukira abandi, bakavuga ko ikibazo nyamukuru bafise ari itegeko ry’umukuru w’igihugu riheruka gushirwaho, rihindura ingene agafashanyo bahora bahabwa bakaronswa. Reta y’Uburundi iheruka kwemeza ko ako gafashanyo bazogahabwa nk’ideni bazotegerezwa kuriha (prêts-bourses).

Abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bamenyesheje ko iyo ngingo itazokworohereza abanyeshure bava mu miryango ikenye, akaba arico gituma basavye umukuru w’igihugu ko iryo tegeko ryofutwa, bitagenze ukwo abo banyeshure bakavuga ko biteguriye guhagarika ivyigwa.


IGIHE

Messages

  • mwatevye guhagarika ivyigwa ntuzewee.muriyamigumuko yoguhungira kubuserukizi bwa american .ngo muhunze ikiringo ca3. nimutubwire umwimbu mwinjirije igihugu.ino mumahanga no mugwanda mwishimira nikobimeze biga kumadeni ino mba ho.ni cash utayafise ntiwinjira ni versite.

  • Ivyo Nivyo Nibaborohereze Bagume Babaha Ako Gafashanyo Guko Bakatabahaye Boba Bagowe.None Boca Babaho Gute Hamwe Bokabima Rwose?

  • nibarabe babatunganirize kuko hari imiryango ikenye kuko babivuze umukuru wigihugu nabafate mumugongo babandanye ivyigwa

  • Ubonye Inzu Yumubanyi Ihiye Wokwihutira Kuyizimya Kuko Iheza Gusha Yawe Yafashwe!Ubu Niho Bikiboneka Ko Umwana Wumukene Atoroherejwe?Nibige Nyabuna Baheze Kuko Uyumugambi Wugucinyiza Umwana Wumukene Watanguye Igihe Batangura Gushira Igipfungu Kuwuba Akoze Examen D’ Etat Ahusanga Bamuha Diplome D’etat Kugira Aje Kwiga Muri Privé Aho Atangamahera Aho Naho Hakaca Higa Abana Babifise Gusa Ugasanga Wamwana Wumukene Bamubujije Kwiga Bakamubuza No Gusubira Gukora Examen D’etat Kugira Arabe Nawe Koyoja Muri Kaminuza Ya Leta!Akamaramaza Kubize Ensegnement General Bahora Baca Baja Muri Formation Pedagogique Ubu Ziriko Zirafutwa!Bobo Bazojahe?Ahibintu Bigeze Hariko Higabatunzi Gusa Umukene Bamwirukanye Burundu!Nibareke Kwiyamvya Yabigize Abibona Ntaco Azohindura!Bazosubira Mwishure Abatwenga Bitwengera Kuko Abana Babakene Boba Bagiye Kwicara Muhira Sabo Bari Muri Kaminuza Yuburundi Gusa.

  • Ariko abarundi bamwe murabatesi imfashanyo ? murwanda barayimenyereye (inguzanyo) ntimfa kubonwa nuwari wewese ibonwa nuwatsinze neza Nonese Leta yanyu irusha iyurwanda amafranga ? Nimwemere inguzanyo

  • Ahubwonawe leta yuburundi niyoyaricikoreye uwomuzigo wimfashanyo itarihwa,yariyaratevye kuyikuraho.icizabboborohereza ingene arihwa kuko uwayarihiwe ayariha arangije atanguye gukora ,arikonibazako ababanyeshure bakaminuza bakinogihe ntacotwobitegako murikazoza kigihugu kuko ivyamwabama biragayitse !! Mbegabibazako baretse kwiga Ariho Leta izobaha imfashanyo ?icobayifasha yoba ibisembako nigiki kobarangwa ningingo zubwengebuke nokutamenya ibihahobigeze!! Abatabishaka bazebareke kwiga kukozarinyunguzabo iyobize,kandi ibibintu vyokwama murizayegereyegere zabantu bitwakobakuze Leta ukwiye gufata ingingo ruhasha hakiga uwubishaka udashaka akareka kuko vyose bivahagumye bakareka kueirana indya mukanwa nkabanabato.birababaje abanyeshure nimwikebuke ibihevyarahindutse ayomategeko namwe muzoyashikiramwo nimwababategetsi ,mbegamwebwe mufashiki igihugu cabibarutse?? Kugitukishagusa nokugisiga udusembwa ? Leta ntifatingingo yibeshe ,muzobimenyera kandiniho muziganeza atagufyina nkukomwahora burigihe ngomurahagaritse kukontacomwahomba .ubuntimuzosubira kubankabatazi icobakora.iconosaba Leta nuko akogafashanyo uwogakenera wese yokaroswa kugirayige maze ruzovahandi .ntawuzosabimfashanyo yideniryokwiga ataribwige kandazi kwazoyiriha murakoze.

  • Imfashanyo n’agahatose?

  • kweri nyakubahwa ntatwanka ndaziko abari mumakaminuza benshi ari abakene muga suko abanka nuturyend buhoro kuk nyakubahw numuvyeyi watwese kandi niyongingo kuvana yemera ingurane ninziza none mugihe vyose yari kubifuta ntitwari kwiga .ncuti zanj banyeshure dusangiye urugamba rworwiga nukur ico kibazo tugifute mumutw kuk baravuga uti "le temps perdu ne revient jamais" twoza duheza amashur ryari ???

  • Umwana wumukene bazomuha iryodeni yige aheze maze uwamuhaye iryodeni bizotuma arwakubiti namacumu aronderera akazi uwonwana kugira akore aronke ukwatangura kwishura mwantamenyamwe!

  • Ni Bakomere Ku Muheto Turabashigikiye.

  • Ariko iyongingo naho yafashwe ego n’umugambi w’igihugu, tumenyereye duhabwa ako gafashanyo ndumva bitoroshe kumenyera jewe ntahuyeko impera nimperuka bagomba kuzogakuraho. Vyaribikwiyeko babanza bakavyihweza umwanya utari muto iyo n’ingingo yikibiriraho. Turavye nahandi mu bindi bihugu ntagafashanyo gatangwa ariko vyabanje kwihwezwa kurugero rushimishije. Notanga akarorero kw’ Urwanda, ushatse yiga kungurane irihwa aronse akazi muri Leta. None mu Burundi bizogenda gute? Mbega hoho azorihwa ryari?

  • nibazako abatwara uburundi ko batiyumvira neza nkabantu bize!! uti gute?KUBERIKI NKURUNZIZA YAMIZA KUMA RADIO NGO YAKUZE ARIMPFUVYI ARIKO UBU AKABA ARIWE AFASHE IYAMBERE MUGUHOHOTERA BANTAHO NIKORA!!!ARIKO NTIBITANGAJE NIBINDI VYISHI BIBI AZOBIBAKORERA NIMURINDIRE.

  • Nirifutwe iryotegeko twabwo ryorohereza abanyeshure nagatoya,nirije guhohotera abana, mubihugu bimwebimwe umuryeshure, guhere muyambere gushika 13 canke 12 reta niyo imurihira yomyene, igihe umwana agiye kurikaminuza, umuvyeyi ariha icambere, reta igatanga icakabiri, reta itangura gutegurira umwana amahera azomufasha kwishure agitanguye iyambere. Ariko igihe umwana atakurikiranye ishure yakaminuza, reta icifata ya mahera yari yarashiriye kuri conte yiwo muvyeshure, ikayasubirako. kubwivyo reta yarikwiye gufasha umunyeshure, kuriko kumuteshumutwe ngo yiregwe arahagarika ivyirwa.

  • umukuru w’igihugu yaba yibuka ko yahaciye ntaba acurika acuragura abanyeshuri kuko arabizi ko abavuye ruguru baba barigorewe.hubwo narabe abatunganirize.

  • umukuru w’igihugu yaba yibuka ko yahaciye ntaba acurika acuragura abanyeshuri kuko arabizi ko abavuye ruguru baba barigorewe.hubwo narabe abatunganirize.

  • Jewe Iconobona Iryotegeko Borifutakubera Atari Abanababatunzintawosubirakwiga Murakoze

  • nukuri ibintu birubu mriki gihugu cacu abitwa abavyeyi,nibakorere muma secteurs yose kandi ntihagire ababa victime.jew ndabona naho bourse yofutwa ndetse no kuba ingurane,ntaho turik turaja atagikozwe kubijanye nigwirirana ryabantu! ehe raba,uno musi abantu benshi ni generation yabafise de 12ans kumanuka.abo ko batazwi canke ngo bagire imigambi nivyiyumviro,nibaba nkatwe naho?mugihe bipfuza kugabanya le monde intellectuel.bakabona ariryo terambire kandi wo muti,nibabikore,ariko bamenye neza ko uwanka agakura abaga umutavu! murakoze!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.