IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure baheruka kwandikira umukuru w’igihugu batumweko kwumvirizwa

Abanyeshure baheruka kwandikira umukuru w’igihugu batumweko kwumvirizwa

lundi 27 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuyobozi ajejwe ivy’umutekano muri Kaminuza y’Uburundi, OPC1 Nigobora Célétin, yatumyeko abanyeshure baheruka gutera umukono ku rwandiko rw’ukugabisha umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ko bagiye guhagarika ivyigwa, mu gihe ingingo bafatiwe mu bijanye n’agafashanyo bahora bahabwa itoba yahagaritswe gushika kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2017.

Abanyeshure baserukira abandi bateye umukono kuri urwo rwandiko bakaba babwiwe ingene bazorenguka kwumvirizwa n’uwo ajejwe ivy’umutekano muri Kaminuza y’Uburundi.

Abaserukira abandi banyeshure bo mu kigo c’i Kiriri bazokwumvirizwa kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 28 Ntwarante 2017, abo muri IPA kw’igenekerezo rya 29, abo ku Mutanga kw’igenekerezo rya 30, abo mu Kamenge nabo kw’igenekerezo rya 31. Bose bakazokwitaba kw’isaha y’umunani z’umuhingamo.

Mu buyobozi bujejwe ivy’umutekano muri Kaminuza y’Uburundi bavuga ko abo banyeshure baserukira abandi batumweko kugira bumvirizwe ku tunenge twoba twaribonekeje mu mikono yatewe ku rwandiko rwarungikiwe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA (Irrégularités des signataires, de faux et usage de faux signature), bakavuga kandi abazokwitaba bazobihanirwa bikomeye.

Abaserukira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bo mu mu bigo vyose baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bagabisha ko bashobora guhagarika ivyigwa, mu gihe ikibazo bafise kitoba catorewe inyishu gushika kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2017.

Abo barungikiye ikete umukuru w’igihugu c’Uburundi ni abanyeshure 170 baserukira abandi, bakavuga ko ikibazo nyamukuru bafise ari itegeko ry’umukuru w’igihugu riheruka gushirwaho, rihindura ingene agafashanyo bahora bahabwa bakaronswa. Reta y’Uburundi iheruka kwemeza ko ako gafashanyo bazogahabwa nk’ideni bazotegerezwa kuriha (prêts-bourses).

Abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bamenyesheje ko iyo ngingo itazokworohereza abanyeshure bava mu miryango ikenye, akaba arico gituma basavye umukuru w’igihugu ko iryo tegeko ryofutwa, bitagenze ukwo abo banyeshure bakavuga ko biteguriye guhagarika ivyigwa.


IGIHE

Messages

  • nukuri hamwe batokwe mera ivyo abo bana basaba hagiye kubaba mur kaminuza iconosaba bakunvikana hama abana bakiga nkurunziza nagire ikigongwe

  • Ivyahaniwacu bisigaye aramayobera, mbekwandikira umukuru wi gihugu umubwira ikirikumutima uba ukoze icaha, kuwomuyobozi wumutekano kumashure yi henze kuvuga kwa bandikiye perezida kobazohanwa!, n’Imana yo mwijuru isumba abitwa abaperezida barayitura ivyifuzo kandi igatanga inyishu yivyo wasavye. None Nkurunziza petero yoba asumba Imana?, kumwandikira ntakosa rirakabamwo naritoya, nihamwe vyahaniwacu bisigaye arakajagari atawugishiriza ikirikumutima.

  • NIBABA BANDITSE NABI BAZISIGURA BIBAZA NGO NIGIHE AKABAYE KOSE HARIHO ABACA BABASHIGIKIRA AKARORERO RPA UBU NTAKINDIBA YIRIGWA IRAVUGA BANDITSE IVYUMVIKANA NAHO NTIBABARENGANYE

  • Jonata kwandikira umukuru wigihugu sibibi ariko ntiyandikigwa nkuwandikira muvyarawe!!kuko ninyakubahwa .umugabishije ubawihaye inyishu kandi ukiyisawa uwuyitanga ucumengo harikindi witwaje kibirinyuma iconaco bacabakikubaza ukakivuga ,ubayewihenze mukwandika kubera agashavu usabimbabazi bakaziguha canke bakaguhana.abantu bakwiye kugiricobubaha canecane nkabantu bazwiko barimuri university barakuze banaserukirabandi kubarekukwo ryobarikosa rikomeye atacobababajije .ibihevyarahindutse banyeshuri kandikubamutaramenyivyo navyo nirindikosa mufise! Ikisigihe cokurerabana ubaseguye amazosi kandumuntu sivyiza kumuhifi (2)ahubwo umwigisha ingene baziroba akimenya.

  • Turasavye ntidutegetse vraiment Président narabe yumvire ikigongwe abanyeshure aboneko abakene bahari kandi bashaka kwiga, afute iryo tegeko bemeje! Nibabahe ako gafashanyo kuko nabonyene bize kubera ako gafashanyo bahabwa!

  • Iyuba Waruziko Nawe Iyataba Akoka Bourse Kutaba Uraho Uri Wokagumijeho Mbe Wibagire Kowavuzeko Nawe Wahora Wimba Ifuku!Kugira Uheze Primaire Menyako Ahuri Ubu Harabandi Asha Kabegato Tukabone

  • Birababaj Cane Kuk Bazoba Bariko Barakandamiz Abafis Uburyo Buke.Ni Hatari!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.