IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure umunani ba Kaminuza y’Uburundi bafatiwe ibihano

Abanyeshure umunani ba Kaminuza y’Uburundi bafatiwe ibihano

jeudi 13 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwafashe ingingo y’uguhagarika mu kiringo c’uwu mwaka w’ishure abanyeshure bo kuri iyo Kaminuza bagera ku munani. Abo banyeshure bafatiwe ibihano bari mu baherukira kwandikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamusaba ko yohagarika itegeko rihindura ingene bahora bahabwa agafashanyo.

Abo banyeshure umunani ba Kaminuza y’Uburundi bafatiwe ibihano biyongereye ku bandi babiri bo kw’ishure nderabigisha ENS nabo nyene birukanwe kuri iryo shure.

Ivyigwa vyarahagaze kuri izo Kaminuza zompi, abanyeshure bagasaba ko ingingo y’uko agafashanyo bahora bahabwa kohinduka ingurane yohagarara, kuko ku bw’abo, iyo ngingo ije gucinyiza abanyeshure bo mu miryango ikenye.

Abanyeshure bo kw’ishure rya Kaminuza y’ivy’ubuvuzi (INSP : Institut National de Sante Publique) bandikiye nabo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamusaba ko yorindira gushira umukono kw’itegeko rihindura ingene bahora bahabwa agafashanyo (Bourse), iryo tegeko rikavuga ko bagiye kugahabwa nk’ingurane (Prêt-bourse).

Abo banyeshure bavuga ko mu gihe iyo ngingo itoba yahagaritswe kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2017, nabo bazoca bahagarika ivyigwa.

Mu rwandiko abo banyeshure barungikiye umukuru w’igihugu, bamumenyesheje ko iyo ngingo ifashwe mu mwanya atariwo, kuko itazokworohereza abanyeshure kandi ko n’abanyagihugu bugarijwe n’ubukene. Abo banyeshure basaba ko iryo tegeko ryoba rirahagaze.


IGIHE

Messages

  • Ntakundi ni bajekwiga mugwanda aho gwitaha

  • Abanyeshure b,iburundi sibitangaza nahandi mu bihugu vyishi nikwo bigenda( stupid) abo ni ababahenda NGO mutobere Leta. Ariko murubesha MBE ko kera muri mwebwe bamwe bananyuruzwa ntitunenye irengero ariko ntimuvuge??? Mwararose Umukozi w,Imana nyakwubahwa President . Emera mutwagwe kuko ivyo mwibazako bidakunda ........

  • none Uburundi bwoba butunze amahera kuruta Canada, France n’ahandi henshi? Kuki bose biga kuri za prets et bourses, ariko abarundi ngo bige ku buntu? Ni babahane. Uwo yababeshe azoza kubashakira ahandi baziga

  • Wewe wiyita MEDIATOR kubaze sha wobumaze gushika mubihugu binganiki vyoba bihohotera abanyeshure nkuburundi ? wewe urabesha ivyo bihugu ntanivyuzi. Mubihugu nobanzi kwisi, barubahiriza umuryeshure gusumba ibindi vyose, kubihugu nsazwe ntahura uburyo bifata abanyeshure, Nkurunziza Petero azorinda ajamusi yivu atavyo ashitseko. Nayo abobayobozi baboneye abobanyeshure nibamwe basazwe baja gutora udukorotse musi yimeza kwankurunziza! kuko batakozuko utwobahora baronka ntibosubira kuturonka
    Umurundi ukwakora birazwi, kugira rwaronke ivyagomba abanza kwica umwana wiwe, abonabo bariko barondera gushirwa mubushiranganji barabe koboruka kurya intumuka yirwa, Abahemutse nkamanconco yivye ibwa sebukwe.

  • @ intagoheka , you claimed that you visited more countries around the World , you extremist, ignominious, who is not afraid to insult even his excellence the president of the Republic of Burundi if your are among these students , there is no need for you to learn you to be someone who may not help nothing your nation! Come up and reveal the truth to the others, you are rather shocked by the change that God through CNDD-FDD brought in Burundi . Surprised to see what you did not expect to see :
    - A democratically elected president able to finish his term
    - High officers in the army from all ethnic groups
    - All ethnic groups into all government departments etc
    Cool down and allow me to express my deep condolences to everyone who thinks like you things have changed at its time. You you where used to overthrow the government after another , forget it will never happen

  • @Mediotor, Where did you learn English!!! That’s not english man!!! You better use a language you understands! God can’t work through DD, he has damned it arleady

  • Mediator, I want to respond to your counversation, robbery countries that I spoke headed by presidents who disobeyed their people.
    Respect for students no longer fulfills the needs of students.
    priest respecting its people will be honored by him,you see you’re happy and act Nkurunziza Peter has done students! and tell you you do not confess,your cndolences unsuitable,could you that you are a person with thoughts of tomorrow could you disappinted with your friends student.

  • Wakera na intagoheka ngira ndabakosore Ku congereza mwandinditse : mpere kuri intagoheka wavuze NGO to respond to your conversation !!!!! Si conversation ni comment!!! Iba conversation iyo muriko muganira n,umuntu mubonana canke kuri phone . wari gupfuma uvuga uti( your business, idea , reply , thought ....) Wakera nawe ntuzongere kwandika you hama NGO ukurikize ( s) nta dictionaire nimwe wosangamwo rino bara kumutemere wanditse!!!!!!! Jew nigisha icongereza mumahanga simba no hiyo I Burundi kandi mfise ico bita master’s degree naronkeye hanze . Hagarika kubiba amacakubiri mu gihugu kuko iyo mpinduka mubona s,umuntu yayizanye ahubwo ni Imana yanse ko haguma hari abagendera kubandi kandi twese tuvukaba . Icongereza naco mwebwe ntimunakwiye kuba no mubana nigisha muri bato caaaaaane !!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.