Abanyeshuri bahagaritse ivyigwa muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS

Yanditswe na IGIHE
Kuya 16 mars 2017 saa 02:16
Yasomwe : 18252
0 0

Ivyigwa vyahagaze muri kaminuza y’Uburundi n’ishure kaminuza nderabigisha ENS kuva ku muhingamo wo kuri uno wa kane,igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017.
Inyanduruko y’ihagarikwa ry’ivyirwa muri kaminuza y’Uburundi n’ishure kaminuza nderabigisha ENS ni ihagarikwa ry’abaserukira abanyeshure batanu, harimwo batatu bo muri kaminuza y’Uburundi na babiri bo muri kaminuza nderabigisha ENS.
Amakuru ava mu begereye ubuserukizi bw’abanyeshuri muri kaminuza zibiri, bamenuesha ko abo baserukira abandi (...)

Ivyigwa vyahagaze muri kaminuza y’Uburundi n’ishure kaminuza nderabigisha ENS kuva ku muhingamo wo kuri uno wa kane,igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Inyanduruko y’ihagarikwa ry’ivyirwa muri kaminuza y’Uburundi n’ishure kaminuza nderabigisha ENS ni ihagarikwa ry’abaserukira abanyeshure batanu, harimwo batatu bo muri kaminuza y’Uburundi na babiri bo muri kaminuza nderabigisha ENS.

Amakuru ava mu begereye ubuserukizi bw’abanyeshuri muri kaminuza zibiri, bamenuesha ko abo baserukira abandi bahagaritswe bongera bajanwa mu biro vy’igendereza i Bujumbura, inyuma yaho bari bitavye imitahe yabarengutsa muri sentare nkuru ya komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.

Abanyeshuri batatu bo muri kami nuza bari barungikiwe imitahe ibarengutsa kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ntwarante,umwaka wa 2017, ku mitahe hari handitseko batumweko ku mvo z’amatohoza.


Kumenyekanisha

1
papy 17-03-2017 à 20:03

bajye babafunga ntibazi icyo bagiye gukora iwabo ko babatumye kwiga babatumye gukina poritike ?

2
Nyota 17-03-2017 à 15:30

Vyose nikubwiyi leta nabanyeshure naba mugasho ?aho babutse abanyeporitike bafunga nibabareka bibandanirize ivyigwa .

3
Kuri 16-03-2017 à 23:18

UBURUNDI !!!!!!!MURIHAYE IBARA

4
Nema 16-03-2017 à 21:31

Urumunyeshure Ukaja Muri Poritike Biba Bikunani !

5
Nowera Nimbona 16-03-2017 à 17:17

Uwonumugambi wokuhonya incabwenge zose hano muburundi, ubwubon uburundi kugira buzosubire gutwarwa na bategetsi, biyubashe bakubaha nabenuburundi biracarikure nkunkwezi, kiretse Imana iciyurubanza kubategetsi, kuko yahorikora kera mukurimbira abategetsi babisirayeri bagararije. Niko nuburundi vyaribikwiye kumera.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha