IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshuri batanze imihoho mu buserukizi bw’abanyeshuri ba kaminuza (...)

Abanyeshuri batanze imihoho mu buserukizi bw’abanyeshuri ba kaminuza y’Uburundi batswe uturusho

lundi 13 Ntwarante 2017

Ubuyobozi bw’uburaro muri kaminuza y’Uburundi bwafashe ingingo yo kwaka uburenganzira bwo gufungura no kuryama mu bigo vya kaminuza ku banyeshuri baheruka gutanga imihoho mu buserukizi bw’abanyeshuri.

Bose hamwe ni indwi batanze imihoho, nabo ni MANIRAKIZA Fabrice,NISUNZIMANA Ismail,NIBIRANTIJE Fidele,NININAHAZWE Placide,MANIRAKIZA Eric-Ferdinand, MPONGERABANSI Mateso na BIMENYIMANA Emmanuel.

Mw’ikete ubuyobozi bw’uburaro bwa kaminuza y’Uburundi bwasohoye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ntwaranta,umwaka wa 2017,busubiza abanyeshuri bamenyesheje ko batanze imihoho mu buserukizi bw’abanyeshuri,ubwo buyobozi bumenyesha ko uturusho twose abo banyeshuri bahorana nk’abaserukira abandi duhagaritswe.

Muri iryo kete ryateweko umukono n’icegera c’umuyobozi ajejwe umutekano, ubuyobozi bw’uburaro muri kaminuza y’Uburundi bumenyesha ko igikorwa co gutanga ivyumba gitegerezwa kuba caheze kuwa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante ,umwaka wa 2017, mu gihe hoba hari uwutarabikora akarihishwa amafaranga 1000 ku munsi acerewe.

Ubuyobozi bw’uburaro muri kaminuza y’Uburundi bukamenyesha ariko ko mu gihe boba bari mu bategerezwa kuronka icumba kandi kihari, ata kibuza ko abo batanze imihoho mu buserukizi bw’abanyeshuri boronswe ivyumba mu bigo vya kaminuza y’Uburundi.

Abo banyeshuri bari banditse ikete rimenyesha ko batanze imihoho kw’igenekerezo rya 9 Ntwarante,umwaka wa 2017 bamenyesha ko hari inyungu z’abanyeshuri ziriko zirahonyangwa ariko ntiboroherezwe mu guserukira no kuvugira abanyeshuri.


IGIHE

Messages

  • Ukozivugijwe,nikozitambwa.Ivyubu Nurudubi.Reka Batangimihoho Ntabutware Bukihari.

  • ariko basha mwayobotse cyangwa mukerura tukababona niba muri bagabo aho huhora mubuza abandi amahoro! icyo udashoboye urarekera

  • Jewe ivyo mugihugu biratangaje cane turavye ino mubihugu vyohanze kandi bikomeye bifise ubutunzi bukomeye kandi biri mubihugu cumi vyambere bikomeye mubutunzi umunyeshuli wese yiga muri UN bamuha ingurane amaze kuronka akazi akazoza arariha makemake murabona Igihugu cacu kigeze aho Umwansi ashaka ariko abantu nagira barize ntavyobabona none rero nimurabe abiga muri Priavate bobo sababana buburundi Ntamwana n/Ikinono nkaba savye abo bana bacu ko bokwihangana Uko imvura ikuvye siko igwa Imana ihangaze Uburundi mu gire Amahoro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.