Bamwe mu baririmvyi basubiye guterana amajambo hagati yabo

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 15 Mukakaro 2017 saa 03:21
Yasomwe : 11889
0 0

Amajambo mabi yasubiye kwumvikana mu ndirimbo za bamwe mu baririmvyi b’Abarundi. Ku ruhande rumwe batuka bamwe mu bamenyeshamakuru ahandi bagatukana hagati yabo.

Ivyo vyatanguye mu ruririmbo "Konzi" rwa Big Fizzo. Inyuma yarwo hari bamwe mu baririmvyi biyumvisemwo ko yabavuze. Aha tuvuga nk’umuririmvyi Akes Don. Inyuma yaho nawe yaciye asohora uririmbo ruvugwamwo Big Fizzo. Ku ruhande rw’abamenyeshamakuru, muri "Konzi" ya Fizzo, havugwamwo Ismaël Niyonkuru wo kuri Rema FM. Ivyo birumvikana mu ruririmbo aho amuvuga mw’izina, akangoreko ati : "Reka amanyanga kuko turi abahinga... mu vyambu ... mu vyambu, nitwahura ntuzompe yambu. Arongera ati :"Ndiyamirije ingingo mwihaye yo gucinyiza umuziki ndundi...kandi bibwirwa benshi bikumva benevyo..."

Akes Don ntiyatevye kwishura Fizzo mu ruririmbo yise "Agakino". Muri urwo ruririmbo aravugamwo amajambo afobetse ariko vyumvikana ko yoba yashatse kwishura Fizzo.

Si abo gusa. Lolilo ati :" natanzwe!" Nawe yaciye yihuta gusohora ururirimbo yise "Kofi". Mu mvugo idafobetse, nawe yashigikiye umumenyeshamakuru Ismaël Niyonkuru. Muri urwo ruririmbo, Lolilo amutera intege amubwira ko yobandanya ibikorwa,akamwipfuriza no gutera imbere.

Tubibutseko ivyo atari ubwa mbere, kuko vyari kuba ku ruririmbo "What’s my name" rwa Fizzo.

Imbere y’uko turonka umumenyeshamakuru Ismaël NIYONKURU agire ico abivugako, mwumvirize aho munsi izo ndirimbo uko ari zitatu.

"Konzi" ya Big FIZZO

"Kofi" ya Lolilo

Agakino" by Akes Don


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha