Intara ya Gitega yatowe ubwa mbere mu kuzokwakira igiteramo ca mbere c’ugushira ahabona Album ya kabiri y’umugambi "U’ll Love changes Vol". Haruna, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, avuga ko bahereye i Gitega ariko igiteramo nk’ico kizobandaniriza mu ntara ya Makamba, eka no kuri Lacoste Beach i Bujumbura.
Aho i Gitega bazoterwa iteka ryo kwakira umuhungu wabo Double Jay yari amaze umwaka atahaboneka ku mvo zo kubategurira agakemanyi azobashikiriza kuri uwo wa gatandatu igenekerezo rya 23 Kigarama ku kibuga ca Basketball.
Double Jay arishimira cane uko ivyo biteramo vyateguwe kuva mu ntango gushika aho bigeze uno munsi. Aremerera ab’iwabo ko azobereka ko atari yicaye. Indirimbo nka "Mpa akanya" n’izindi zizosamira aho iwabo.
Mu ndirimbo icumi na zine ziri muri Album ya "U’ll Love Changes Vol2", Franck nawe azodugana iwabo mu ntara ya Makamba aho nawe azobica bigacika ku kibuga gikuru c’umupira w’amaguru. Franck akaba yarahiye ko ategerezwa gusangira Noheli n’abanyamakamba.
Mbega Double Jay na Franck Duniano bazoririmba bonyene muri ivyo biteramo ? Kubitiza akajisho aha munsi umenye urutonde rw’abaririmvyi bazobashigikira.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Igitabu kirimwo abaririmvyi n’ibikorwa vyabo catanguye kwandikwa
1er.02.2018 |
![]() Umudiho Music Academy(UMA) remet les certificat aux lauréats formés en musique
22.01.2018 |
![]() Ikigega co kuziganya no kuguranana ku baririmvyi kigiye gutangura ibikorwa
12.01.2018 |
![]() ’’Kuririmbira mu bunywero ni kimwe mu biteza imbere umuririmvyi’’-GAPOSHO
11.01.2018 |
![]() Gitega : Ubushikiranganji bw’urwaruka bwaraye bukoze ibitamenyerewe
24.12.2017 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "Abacuraranzi"... |