Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ikigega co kuziganya no kuguranana ku baririmvyi kigiye gutangura (...)
Ikigega co kuziganya no kuguranana ku baririmvyi kigiye gutangura ibikorwa
vendredi 12 janvier 2018
Mu myitwarariko y’ikigega co kuziganya no kuguranana c’abaririmvyi, Cédric Bangi avuga ko ahanini ari ugushirahamwe uburyo buvuye mu baririmvyi nyene, bakiyubaka nk’umuryango, gutyo bagatera imbere mu kuririmba no ku mufuko akanoti kakisununura.
Cédric Bangi abona ko ata kamaro kanini abaririmvyi bunguka iyo bamenyekanye gusa mugabo ubukene bubarembeje.
Kubwa Cédric Bangi, ico kigega kizofasha abaririmvyi mu gusohora imiziki hamwe no kuyidandaza, avuga kandi ko ico kigega kidacagura, cakira abaririmvyi bose, bo mu mihingo yose no mu midiho yose.
Cedric Bangi arongera agashikiriza ko mu ntumbero yo gusahiriza Reta, ikigega c’abaririmvyi kizotanga ikori,bitange mu kwubaka igihugu gutyo, mu gihe bogira ico basavye co gufashwa bazoronke n’uruvugiro.
Uwundi mugambi uraje ishinga ico kigega c’abaririmvyi,n’ukugira inzu y’uguhinyanyura umuziki imwe y’akarorero mu karere, bongere bigishe urwaruka ruriko rurakura, babereke umwonga uhuma n’uwudahuma, gutyo umuziki ndundi ushobore kudandazwa no mu makungu.
Mwomeya ko ico kigega c’abaririmvyi mu Burundi cemerewe gukora kuva kw’igenekerezo rya 4 Nzero 2018
BUKURU Pacifique
Messages
13 janvier 2018, 06:01, par Sinzinkayo Severin
Nukuri Turashigikiye Uwo Mugambi Nacanecaneko Ataho Umurimyi Yitwararikwa Nibindi Bigega Nuwugize Amahigwe Yokuronka Akarinda Kuyagabana Numwishingizi Wumu fongisiyoner Turabiteze Muntara Ziwacu