IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ururirimbo "Babongere" rwateye impari rwasohotse

Ururirimbo "Babongere" rwateye impari rwasohotse

mercredi 6 décembre 2017

Imbere y’uko rusohoka, "Babongere" rwateye ikibazo gitumwe n’abaruririmvye. Abo si abandi,ni Big Zoe na Prince Mshindi bazwi cane mu ndirimbo z’Imana( Gospels), hamwe na Double Jay na Franck Duniano (bazwi cane mu ndirimbo zisanzwe).

Abatari bake bamaze kwumva iyo mirwi ibiri y’abaririmvyi idasangiye ubutumwa muri kamere, igiye hamwe igakora ururirimbo, biyumviriye vyinshi.

Ku ruhande rwa mbere, bamwe bibaza ko Big Zoe na Prince Mshindi boba bahinduye ubutumwa bahora batanga mu gukurikira Double Jay na Franck Duniano bari mu mugambi "U’ll Love Changes Vol2). Abandi nabo bakibaza nimba abo banyuma boba bagiye gutangura kuririmba indirimbo z’Imana.

Kuri abo bose bari bafise canke bagize amakenga, bumvirize ururirimbo "Babongere" baheze bashire amazinda.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.