Bamwe mu barongoye imigambwe bashigikiye umurwi wihweza ivyohinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 28 juin 2017 saa 11:17
Yasomwe : 7380
0 0

Bamwe mu bakuru b’imigambwe yemewe mu Burundi bari kumwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesha ko bashigikiye umurwi washizweho ngo wihweze ivyohinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Babicishije mu rwandiko bateyeko umukono, inyuma y’inama yahuje bamwe mu barongoye imigambwe ikorera mu Burundi n’ubushikiranganji bw’intaro yo hagati mu gihugu, kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017, abitavye iyo nama bemeje ko mu Burundi harangwa umutekano n’amahoro.

Abo barongoye imigambwe bemeje ko ata ntambara iri mu gihugu, ariko ko hari ibibazo vya poritike gusa, ivyo navyo bitegerezwa gutorerwa umuti n’abanyeporitike b’abarundi bonyene ubwabo .

Muri urwo rwandiko basohoye, abarongoye imigambwe yemewe mu Burundi biyemeje kandi gushiraho urupapuro rw’inzira ruganisha mu matora yo mu mwaka wa 2020, ishirwa mu ngiro yarwo igakurikiranwa n’umurwi uzoshingwa n’abo barongoye imigambwe.

Abitavye iyo nama basavye Reta y’Uburundi ko yokomeza imigenderanire n’ibihugu bisanzwe bicuditse hamwe, no kunagura imigenderanire n’ibihugu bidatahura ukuri kw’Uburundi.

Abo barongoye imigambwe, basavye kandi Reta ko yoshira mu ngiro ivyipfuzo vy’abarundi vyashikirijwe mu biganiro bihuza Abarundi, vyatunganijwe n’umurwi CNDI.

Urwo rwandiko rw’ivyavuye muri iyo nama rwatewe ko imikono n’abakuru b’imigambwe 27, kuri 39 ikorera mu Burundi


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha