Accueil > Amakuru > Poritike > Impande zompi ntizirumvikana kw’irungikwa ry’Abarundi bafatiwe muri (...)
Impande zompi ntizirumvikana kw’irungikwa ry’Abarundi bafatiwe muri Congo
mardi 31 Nzero 2017, par
Impande zompi hagati y’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ziracumvikana ku kibazo c’ukurungika abantu bagera kw’ijana na mirongo umunani na batandatu bafatiwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bikavugwa ko boba ari abarwanyi bariko bategura gukora ibitero mu Burundi.

Umushikiranganji w’ubutungane bw’Uburundi Aimée Laurentine KANYANA yashitse mu Gatumba, ku rubibe Uburundi buhana na Congo, ari kumwe na Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, hamwe n’abandi bategetsi.
Ku ruhande rwa Congo hari Marcellin Tchishambo, Buramatari w’intara ya Kivu y’amaja epfo, abategetsi bo muri MONUSCO hamwe n’abo mw’ishirahamwe CIRGL (Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs). Impande zompi ziriko zirondera umwumvikano kw’irungikwa ry’abo bafashwe, hamwe n’uguca hiryo no hino ibibazo bijanye n’umutekano wabo, kugira ntibagirirwe nabi bashikanwe mu Burundi.

Bitegekanijwe ko igiporisi c’Uburundi gishikirizwa mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri Abarundi bahora bapfungiwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Amakuru ava aho muri Congo ariko ataremezwa n’igiporisi c’Uburundi avuga ko abafashwe ari abarwanyi.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko abarungitswe mu Burundi ari Abarundi bahora bapfungiwe muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ubutegetsi bwa Congo bubashikiriza ubw’Uburundi kuri uwu wa kabiri, ku rubibe Congo ihana n’Uburundi mu Gatumba.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
IGIHE
Messages
31 Nzero 2017, 11:30, par SUGURU SEBASTIEN
UBWO VYUKURI ABO BOSE 150 NABAGWANYI? MUGIHE BOTOHOZA BAGASANGA SABAGWANYI HOHO VYOGENDA GUTE KWABO BANTU? RABA NTIMURENGANYE!
31 Nzero 2017, 12:12, par Alain Nyabenda
Uwutazi dd arayibarirwa. Abo bose baca babambika beret vert. Mugabo bahera kubatutsi nkuko vyama. Turavanye amakungu akurikirane abo bantu kuko SRN ntakinya ifise. Za mbonerakure zikabafata baca babakona nkakumwe babikorera abari bafungiwe mubusho butazwi. Benshi murabo bazoburirwa irengero. Ababyeyi baracacitse amaboko.
31 Nzero 2017, 13:24, par Musaga
Yaco mutubesha, abagwanyi bagwanira nde?izo n’interahamwe za Peter Nkurunziza azanye
31 Nzero 2017, 13:25, par Hopu
Abasirikare Na Basivir’entibayoberanye Mubihweze Neza Wosanga Arinsaku.
31 Nzero 2017, 14:41, par .
Ndakeje Congo tureke urwanda rutubaniye nabi ariko numusigusa kandi ndaziko urwanda dusanzwe ruziko iyudashaka ko ikintu kikubako kunawe uba udakwiye kwipfuza ko coba nuyundi muntu, rindira buraca murabona ko ivyomwatugiriye bibabaza.
31 Nzero 2017, 15:25, par Kuri
UN PROTECTION NEED TO PROJECT THEM MAY OPEN CAMP IN CONGO FOR THEM IF NOT THAT,THEY WILL BE ALL KILLED
31 Nzero 2017, 17:57, par moussa,
nonekonumva,yuko,abakogomani,bamvungayuko,abarundi,yukobatera,abakongomani,bincabisigura.yuko.boho.batater.uburundi,nibarekekwiyoberany
31 Nzero 2017, 17:58, par moussa,
nonekonumva,yuko,abakogomani,bamvungayuko,abarundi,yukobatera,abakongomani,bincabisigura.yuko.boho.batater.uburundi,nibarekekwiyoberany
31 Nzero 2017, 19:30, par Mugabowukuri
@musaga. Niba harimo so cg murumuna wawe uno munsi nca muha amazirantoki ashushe. Mugabo nawe kubera uri mujeri witegure kuzayahekenya mukazoza . ...
31 Nzero 2017, 22:51, par Musaga
@Mugabo w’imvunja, ntaco nogusubiza, ibinywamaraso niko mwamye,ujinga mzigo kweli
31 Nzero 2017, 22:56, par FNL
@Mugabo w’ukuri! none ko wandika Ikinyarwanda aho nturi murizo Nterahamwe Musaga yavuga?dedemba ivyiwanyu muri FDLR, kandi M23 iragutahana ur’ikiziga
1er Ruhuhuma 2017, 01:45, par Nzeyimana
Nizanterahamwe zankurunziza yarondeye uburyo zokwinjira, murabesha twarabahinyuye.
1er Ruhuhuma 2017, 12:24, par Havugiyaremy Odasi
Ahoho Numva Bigoye