Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaserukira CNDD FDD muri Suède bemeza ko umutekano uhari mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abaserukira CNDD FDD muri Suède bemeza ko umutekano uhari mu (...)

Abaserukira CNDD FDD muri Suède bemeza ko umutekano uhari mu Burundi

lundi 15 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo ryashikirijwe na Macaire BACAMURWANKO, umunyabanga nshingwabikorwa w’umugambwe CNDD FDD muri Suwede, yamenyesheje mbere ko atawomenya namba ivyo vyashikirijwe n’uwuserukira ubumwe bwa Buraya mu Burundi ku bijanye n’umutekano, ko yoba yabishikirije kw’izina ry’ishirahamwe aserukira canke kw’izina ryiwe wenyene.

Iryo tangazo rya CNDD FDD muri Suwede ryasohowe mu kwibuka imyaka ibiri iheze habaye ugushaka gutembagaza ubutegetsi mu Burundi.

ITANGAZO RYA SECTION CNDD-FDD MURI SWEDE

1.Section ya CNDD-FDD turasubiriye kugaragaza umunezero ntangere nkuwo twagize kw,igenekerezo rya 2015-05 13 aho ingabo z,igihugu cacu zirongowe n’Umukuru w’Ingabo kizigenza , Nyene Icubahiro, SE Pierre Nkurunziza, Umukuru w’Igihugu.
Uno munsi rero kuri iri igenekerezo rya 2017-05-13 Uburundi buramutse bwigina iyo ntsinzi Uburundi bwaronse haciye imyaka ibiri ,natwe muri Section ya CNDD-FDD ya Swede ntitwatanzwe kwifatanya nabandi bari hagati mu gihugu cokimwe n,abandi bari hirya nohino dusangiye intumbero yo guharanira nantaryo ingendo ya Demokrasi n,ubwigenge bw,Igihugu cacu Uburundi.

2. Abarundi atanumwe avuyemwo dusabwe kuva ibuzimu ,tukaja I Buntu tukavavanura n’ako gatima kugomba kuguma muri zangendo zakera zoguhindura ubutegetsi babishishije mu nkoho na blinde; Uburundi twaramaze gutora ingendo ya demokrasi aho inzego zose zitorerwa n,abenegihugu,uwutowe agatwarira abarundi ,uwutsinzwe ntibatsindaho.
Abagumyabanga ,Abakenyererarugamba hamwe n’imbonerakure zo muri Swede mugiteramo caduhuje , twasanze tutorangiza iritangazo tutibukije Leta y,Uburundi ko iyi talike ya 13 Rusama 205 ko mubokwirwa vuba mu nama Nhingamateka ko hoboneka itegeko ryoshirwa mugitabo c,igihugu ryemanga ko “ 13 Mai ishirwa kurugero rwa le 1 Juillet , kuko twarabonye kandi tuguma tubona ibimenyetso bidahenda , ko Independance aba Colonnie batigeze bayitanga kuko , aho akarwi kabashaka guhirika ubutegetsi bakorana n,aba colonies cokimwe n,abahitiye mu migumuko bataziriye “ Anti 3ème Mandat”. Intsinzi twaronse k’umunsi wa 13 Rusama 2015 Uburundi bwatsinze aba barugereka barikumwe n,umurwi w,abarundi bari bateguye gusesa amaraso y’abategetsi n’ubutegetsi abarundi twitoreye.

Section ya CNDD-FDD muri Swede yaraye iguye ikubiswe n’inkuba aha yumviye amajambo yaraye avuye mukanwa kuwuserukuri ishiramwe rya Bulaya bwana Ambassadeur Wolfran Vetter , tukaba mbere vyukuri atawokwemera koyabivuze kw’izina ry,Ishirahamwe rya Bulaya canke kw’izina ryiwe , aho akididinganya kubijanye n,umutekano Igihugu cacu gifise unomunsi , gushika naho ashira igitambara mu maso ntabone canke ngo amenye ko Igihugu c,Ubushinwa buri mubikorwa kw’isi y’Uburundi bihagarariwe n’icegera c’Umukuru w,Igihugu ca Chine , Igihugi Rutura kw’Isi.

Section ya Swede irasaba ko Uburundi bwocira imanza abobose babonetse canke n’ubu bakiboneka ko bakoranye n,abashaka guhirika inzego z’igihugu. Imanza nazo zitoba zoburanishwa mu gihugu zishikirizwe Sentare Mpuzamakungu vuba na bwango.

Niharambe Nyenicubahiro SEBARUNDI,
Umukuru w’Igihugu,

Niharambe Umugambwe CNDD-FDD,

Niharambe Ingabo z,Umutekano mu Burundi,

Niharambe Uburundi,

Niharambe Ubumwe Bw’abarundi.

Kubwa Section du CNDD-FDD muri Swede,

Umunyabanga nshingabikorwa vya Section

Macaire Bacamurwanko


NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.