IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abashaka gusubiramwo ikibazo ca Reta basabwa kwiyandikisha aho bahora (...)

Abashaka gusubiramwo ikibazo ca Reta basabwa kwiyandikisha aho bahora biga

mardi 10 Nzero 2017

Ubushikiranganji bw’indero buhamagarira abanyeshuri bayobewe ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro mu mwaka uheze w’ishuri wa 2015-2016,kuja kwiyandikisha ku mashuri bahora bigako ,kugira bazosubiremwo ico kibazo.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero Juma Edouard amenyesha ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kworohereza umurwi ujejwe gutunganya ibibazo vya Reta.

Juma Edouard avuga ko abanyeshuri batazokwiyandikisha ku mashuri bahora bigako, bashobora kutakirwa neza kugirango basubiremwo ivyo bibazo vya Reta bibaha uburenganzira bwo kwunguruzwa.

Kubwo umuvugizi w’ubushikiranganji,iyo ngingo iraba kandi abananiwe ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza,abo nabo bakaba ari abatarengeje imyaka itatu basubiramwo ikibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza ,nkuko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.