Abashingamateka b’Urunani "Amizero y’Abarundi" banse kwitaba ibikorwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 20 juillet 2017 saa 06:32
Yasomwe : 23832
0 0

Abashingamateka bava mu runani Amizero y’Abarundi basohotse ibikorwa vy’inama nshingamateka vyo kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 Mukakaro 2017, mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu yari yaje gusigura ibiri mu nteguro y’itegeko rigenga umugwi w’igihugu uzoba ujejwe ubumwe n’ukunywana hagati y’abarundi.

Amakuru ava muri bamwe mu bashingamateka bari bitavye ibikorwa, amenyesha ko abo bashingamateka banse kuguma mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, kuko umunsi abashikiranganji bane bari bagiye gusigura mu nama nshingamateka uko ibintu vyifashe mu gihugu, umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu yababwiye amajambo abasubiza hasi.

Ayo makuru amenyesha ko umushikiranganji yabwiye abashingamateka bava mu runani amizero y’abarundi, ko amategeko atabarekurira gutunganya amakoraniro no kubonana n’ababatoye, ivyo abo bashingamateka bafata nk’agasuzuguro.

Abo bashingamateka bamenyesheje ko igihe cose umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu azoba aje gusigura integuro y’itegeko mu nama nshingamateka bazoca basohoka, gushika igihe hazotunganywa umwanya umushikiranganji akaza gusigura igituma yabavuzeko ayo majambo.

"Nta kintu na kimwe cari gutuma batitaba ibikorwa"

Ku ruhande rw’inama nshingamateka, Umuvugizi wayo Alexis Badian NDAYIHIMBAZE mu kaganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’amasaha make ivyo bibaye, yamenyesheje ko ata kintu na kimwe cari gutuma abo bashingamateka batitaba ibikorwa, kuko basaba ko hoba ikoraniro bagatumira umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu kugira bamushikirize ibibazo bibabakiye, ariko ivyo bibazo bakaba batarabitegura.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avugira inama nshingamateka yavuze ko abo bashingamateka bava mu runani Amizero y’abarundi bataretse kwinjira kuko banse kwiga no gutora iryo tegeko, ariko ko basohotse kubera ryari rije gusigurwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

JPEG - 21.1 ko
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE,Umuvugizi w’inama nshingamateka

Itegeko rigenga umugwi w’igihugu uzoba ujejwe ubumwe n’ukunywana hagati y’abarundi, ryahavuye ryemezwa n’abashingamateka 89 bitavye ibikorwa, umwe ntaco yarivuzeko, uwundi nawe yarihakanye.


Kumenyekanisha

1
Begeos 29-07-2017 à 11:17

Nibitonde.

2
Nibigira Gérard 21-07-2017 à 23:52

erega Shahu Ntibureka Gusuzugurana Ngira Bibaza Ko Ingoma Ari Iyabo Muga Hari Ico Batazi ;aha Turi Hari Abndi Bashaka Bokwitwara Neza Kuko Ejo Niheza

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha